Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitero vy'indege za Turkiya muri Syria
Indege za Turkiya zimijagiye ibisasu ku bibanza vy'abarwanyi b'aba Kurdes b'umugwi YPG muri Syria, mu karere ka Afrin.
Umugizi w'uwo mugwi w'aba Kurdes yavuze ko umuji wa Afrin n'iyindi mihana myinshi vyashikiriwe n'ibisasu vyarungitswe n'izo ndege.
Ikigo c'itangazamakuru ca Turkiya catangaje ko abarwanyi bo muri Syria bashigikiwe na Turkiya batanguye kuja muri ako karere.
Ako karere kari gasanzwe kagenzurwa n'urunani rw'abatavuga rumwe na leta bashigikiwe na Leta zunze Ubumwe za Amerika, Syrian Democratic Forces-SDF.
SDF ni urunani rurwanya umugwi IS kandi YPG isanzwe muri urwo runani.
Mugabo Turkiya yibaza ko YPG woba ucuditse n'umugwi w'aba Kurdes bo muri Turkiya PKK, Turkiya yita umuhari w'iterabwoba.
Ariko yaba SDF canke YPG irahakana gukorana n'imihari y'iterabwoba.
Perezida wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan, we avuga ko imigwi y'aba Kurdes yo muri Syria YPG na PYD ataho itaniye na PKK kuko ari bamwe, ngo guhindura izina sivyo bituma iypo mirwi ireka kuba iyo iterabwoba.
Kudahuza ku migwi y'aba Kurdes kwazanye kutumvikana hagati y'ibihugu bigize urunani rwo kwivunira umwansi hamwe OTAN.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Uburusiya, bwamenyesheje ko butewe amakenga n'iyo ntambara busaba ko yohagarara.