Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Deneuve: Abagabo barafise uburenganzira bwo 'gukubita' abagore
Umukinyi wa filime Catherine Deneuve yavuze ko abagabo botegerejwe 'kuronka uburenganzira bwo gukubita' abagore.
Ni umwe mu bapfasoni 100 b'abafaransa banditse ikete bagabisha ko hashobora abigira 'nta gatosi' inyuma y'ibiherutse kuvugwa vyerekeye ikubagurwa rifatiye ku gitsina.
Iryo kete ryiyamiriza ukuregana kwadutse inyuma y'ivyavuzwe ko umukinyi wa filime wo muri Amerika Mogul Harvey Weinstein yafashe ku nguvu abapfasoni.
Umugwi w'abaharanira agateka k'abakenyezi mu Bufaransa biyamirije iryo keta bagiriza abarishizeko umukono gushaka gufata minenerwe amabi akorerwa abakenyezi.
Weinstein yarahakanye ivyo yagirizwa ko atigeze aryamana n'uwo batavyumvikanye, ariko yemera ko inyifato yiwe "yababaje benshi".