Korea ya ruguru: Ibihano vya Onu n'agasomborotso k'intambara

Ahavuye isanamu, AFP/KCNA
Igihugu ca Korea ya ruguru kivuga ko ibihano giherutse gufatirwa na Onu ari "ugusotora intambara".
Itangazo ry'umushikiranganji w'imigenderanire rivuga ko iyo ngingo ata ho itaniye no kunigira mu menshi ubutunzi, nk'uko ikinyamakuru ca reta KCNA kibivuga.
Yavuze ko ukugira inguvu nyinshi kwa Korea ya ruguru ari bwo buryo bwonyene bwo kwikingira agashavu ka Amerika.
Akanama ka Onu kajejwe umutekano kafatiye ibihano bishasha igihugu ca Korea ya ruguru ku musi wa gatanu mu kwishura kw'igerageza ry'ibisase ry'ico gihugu.

Iyo ngingo ya Onu yateguwe na Amerika- yemejwe n'ibihugui vyose bigize ako kanama ko ari 15- harimwo kugabanya ibice 90% vy'igitoro ico gihugu ca Korea ya ruguru cagurira mu mahanga.
Korea ya ruguru yari isanzwe no mu bindi bihano yafatiwe na Amerika, Onu hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.










