Amerika yagiriza Korea ya ruguru gukora virisi ya WannaCry

White House Homeland Security adviser Tom Bossert speaks to reporters about the global WannaCry "ransomware" cyber attack in May

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuhanuzi wa prezida Trump Thomas Bossert yavugiye ivyo mu kinyamakuru ca Wall Street Journal.

Ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko Korea ya ruguru yagize uruhara rugaragara mu gukoresha virisi ya WannaCry yateye mu bitaro, mu budandaji no mu mabanke kw'isi yose mu ntango y'uwu mwaka.

Bivugwa ko iyo virisi yateye mu makompanyi arenga 300.000 mu bihugu 150 ituma haba agahombo k'amamiriyaridi y'amadolari.

Umuhanuzi wa prezida Trump Thomas Bossert yavugiye ivyo mu kinyamakuru ca Wall Street Journal.

Bubaye ubwa mbere Amerika yagiriza Korea ya ruguru iyo virisi.

A programmer shows a sample of the WannaCry locked encryption page on a laptop

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Inyabwonko zikoresha Windows zaratewe n'iyo virisi zica zirugarwa, abazikoreshwa bakaba basabwa kuriha amahera kugira basubire kuronka ivyarimwo.

Umuhanuzi wa Trump m'uvyo umutekano mu gihugu yavuze ko ivyo abivuga yishimikije ibimenyetso bihari.

Reta y'Ubwongereza hamwe na kompanyi y'inyabwonko ya Microsoft baragirije Korea ya ruguru iyo virisi.

Mu kwezi kwa gatanu inyabwonko zikoresha Windows zaratewe n'iyo virisi zica zirugarwa, abazikoreshwa bakaba basabwa kuriha amahera kugira basubire kuronka ivyarimwo.

Kim Jong-Un in an image released by North Korean news agency on December 12, speaking into microphone at a munitions conference

Ahavuye isanamu, kcna/afp

Insiguro y'isanamu, Korea ya ruguru nta co iravuga kuri ivyo yagirizwa