Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida Kagame arasabwa kutakira abirukanywe na Israel
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu na perezida Paul Kagame bivugwa ko bateganya kubonana kuri uyu wa kabiri.
Uwo mubonano woba uiri mu ntumbero guheraheza amasezerano yerekeye kurungika mu Rwanda ibihumbi vy'impunzi z'Abanyafrika bari muri Israel.
Bwana Netanyahu amaze kuvugira ku mugaragaro umugambi wa Israel wo kwirukana ku nguvu impunzi z'Abanyafrika zikarungikwa mu Rwanda.
Ariko umushikiranganji w'imigenderanire y'Urwanda n'amakungu Louise Mushikiwabo we aheruka kubwira ikinyamakuru the The New Times, mu ndwi iheze ko Urwanda ruzokwakira gusa, abimutse ku bushake bwabo.
Ukwo kuvuga indimi zibiri kwatumye amashirahamwe yo muri Israel aharanira agateka ka zina muntu gusaba perezida Paul Kagame gutanga umuco ku kibazo c'izo mpunzi.
Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko kwoba ari kurenga ku mategeko mpuzamakungu hamwe n'aya Israel, hamwe izo mpunzi zorungikwa ku gahato.
Sigal Rozen, wo mu kigo co muri Israel giharanira agateka k'impunzi n'abakozi b'abimukira, yahaye ikiganiro BBC kuri ico kibazo.