Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Wayne Rooney akurikiranwa ku kugendesha imodoka yanyoye
Umukinyi w'imbere wa Everton, Wayne Rooney, yakurikiranywe n'igipolisi mu kuba yagendesheje imodoka yanyoye, nkuko igipolisi ca Cheshire cabishikirije.
Rooney yafashwe inyuma ya 02:00 BST inyuma yaho abapolisi bahagarikiye imodoka yo mu bwoko bwa VW Beetle kw'ibarabara Altrincham Road, ahitwa Wilmslow.
Igipolisi ca Cheshire cavuze ko Rooney, w'imyaka 31, yagirijwe kugendesha imodoka akarenza umurindi urekuriwe.
Uwo mukinyi yahora arongora abandi bakinyi mu mugwi w'igihugu w'Ubwongereza, yarekuwe yigomboje amahera, asabwa kurenguka muri sentare "Stockport Magistrates' Court" mu mpera za kuno kwezi.
Rooney aheruka gusezerera umugwi w'igihugu mu kwezi guheze, niwe amaze kwinjiriza ibitsindo vyinshi umugwi w'Ubwongereza.
Yasubiye mu mugwi yatanguriyemwo wa Everton rino ci, amaze imyaka 13 muri Manchester United.