Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa burasaba Amerika na Korea ya ruguru kwifata
Perezida Xi Jinping w'Ubushinwa yabwiye mugenzi we wa Leta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, ko ikibazo cya gahunda y'intwaro za nucleaire ya Korea ya ruguru ari byiza ko cyabonerwa umuti binyuze mu nzira y'amahoro.
Ibinyamakuru bya leta mu Bushinwa biravuga ko mu kiganiro kuri telefone, Perezida Xi Jinping yasabye Amerika na Korea ya ruguru kwifata no kugabanya ubukana bw'amagambo bikoresha atuma ibintu birushaho kumera nabi.
Itangazo ryavuye mu biro by'umukuru w'igihugu wa Amerika rivuga ko abo bakuru b'ibihugu bombi bemeranyije ko Korea ya ruguru igomba guhagarika imyitwarire yayo y'ubushotoranyi.
Biravugwa ko abantu benshi bari mu karere Korea irimo basanga amagambo akoreshwa na Bwana Trump ariyo abakura umutima kurusha amagambo y'agashora ntambara avugwa n'abategetsi b'i Pyongyang bamenyereye kumva.