Ubudagi bwagabishije abenegihugu baja muri Turukiya

Leta y'Ubudagi yagabishije abenegihugu bayo hamwe n'amashirahamwe ko bashobora gufatwa "bidaciye mu mategeko" bagiye mu gihugu ca Turukiya.

"Abantu bagenda muri Turukiya mu mabanga yabo canke bagiye ku mvo z'ubudandaji basabwe kurikanura," niko umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubudagi yavuze.

Amashirahamwe ashobora kugira ingorane ku bijanye n'imitahe yayo muri Turukiya, kubera ko amategeko yaho adakora, niko umushikiranganji yavuze.

Ubudagi bwaridogeye uwuserukira Turukiya i Berlin ku munsi wa gatatu, inyuma yaho abantu batandatu baharanira agateka ka kiremwa muntu bapfungiwe.