Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Turukiya isabwa kurekura umucamanza akaja mu kazi
Sentare ya ONU yasavye Turkiya kurekura umucamanza afunzwe inyuma y'igerageza ryo guhirika ubutegetsi mu 2016, ngo ashobore kuburanisha urubanza rw'uwuregwa jenoside.
Amashirahamwe agwanira agateka ka kiremwa muntu avuga ko reta ya Turukiya yafashe ibihumbi vy'abanyagihugu barimwo abacamanza n'abavugabutumwa, ivuga ko bashigikiye abashatse guhirika ubutegetsi.
Umucamanza Akay ari mu murwi w'abacamanza bategerezwa gukurikirana urubanza rwungurujwe rw'umuntu yigeze kuba umushikiranganji w'U Rwanda, Augustin Ngirabatware, yaciriwe igifungo c'imyaka 30 ku kuba yahimirije jenoside.
Abantu bagera ku 800,000 bagwiriyemwo abatutsi hamwe n'abahutu barishwe muri jenoside yakozwe mu 1994.