Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya yagabanuye imishahara ku bakozi bo hejuru
Umugwi ujejwe imishahara n'utundi dushirukabute ku bakozi ba leta muri Kenya, wamenyesheje ukuntu imishahara y'abakozi bo hejuru barimwo umukuru w'igihugu n'abashingamateka yagabanijwe.
Uwurongoye uwo mugwi umupfasoni Sarah Serem, avuga ko ubwo buryo bushasha bwo kuriha abo bakozi, bugiye gutuma igihugu kigarura amahera imiliyoni 80 z'amadolari ku mwaka.
Uwo mugwi wakuyeho n'udushirukabute two kwiyunguruza twahabwa abarongoye intara hamwe n'abashingamateka.
Umukuru w'igihugu agiye guhembwa Shs imiliyoni 1.4 (amadolari 14000) ku kwezi avuye ku $15000; icegera ciwe nawe akazohembwa Shs imiliyoni 1.2 (amadolari $12000).
Abashikiranganji bazohembwa Shs 924000 ($9240), umukuru w'inama nshingamateka Shs imiliyoni 1.1 ($11000), abarongoye intara Shs 924000 ($9240).
Abandi bagabanijwe imishahara n'abajenama bo mu ntara bazohembwa Shs 144000 bavuye kuri Shs 165000.
Iyo mishahara mishasha izotangura gushigwa mu ngiro itariki 8 z'ukwezi kw'umunani uno mwaka w'i 2017.
Mw'ijambo umukuru w'igihugu aheruka gushikiriza abanyagihugu mu kwezi kwa gatatu, Uhuru Kenyatta yari yavuze ko bikenewe ko imishahara ikwiye kugabanywa ku bakozi bo hejuru ahejeje kuronka icegeranyo c'ingene itunganijwe.
Ico gihe Bwana Kenyatta yasiguye ko mu gihe iyo mishahara yoguma ukwo iri, ko bishobora kugera ku gihe amahera yo guhemba yobura.