Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya n'Ubushinwa basaba kw'ikibazo ca Korea ya ruguru coca mu mahoro
Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya, Sergei Lavrov, yavuze ko Uburusiya hamwe n'Ubushinwa badashigikiye inyishu icishijwe mu nguvu za gisirikare ku kibazo ca Korea ya Ruguru.
Bwana Lavrov yabwiye kandi abamenyeshamakuru, kwivyo bihugu ukwo ari bibiri bidashigikiye inyishu iciye mu kuniga Korea ya Ruguru biciye mu vy'ubutunzi.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea Yepfo bamye mu myimenyerezo, inyuma yaho Korea ya Ruguru igeragereje "missile" ishobora gutandukira imigabane "intercontinental ballistic missile", ICBM.
Prezida Trump avuga ko Ubushinwa budakora ibikwiye mu gutuza Pyongyang.
Mu butumwa bwa Twitter yavuze ko vyibonekeza ko urudandazwa hagati uy'Ubushinwa na Korea ya Ruguru rwiyongeye ku bice 40% mu mezi ane ya mbere y'uno mwaka.
Ubushinwa n'Uburusiya busaba impande zose guhagarika kwerekana inguvu za gisirikare bafise, kandi ko badashigikiye ihinduka ry'ubutegetsi muri Korea ya Ruguru.