Abadepite b'Ubudagi bemeje imibano y'abasangiye ibitsina

Ahavuye isanamu, AFP
Igitigiri kinini c'abashingamateka b'igihugu c'Ubudagi bemeje ko abantu basangiye ibitsina bashobora kurongorana, haheze iminsi umukuru wa leta Angela Merkel avyiyamirije.
Iryo tegeko ryemejwe rigiye gutuma abagabo n'abagore bakundana basangiye ibitsina bagira uburenganzira bwo kwubakana, bashobora no kurera abana (adoption).
Muri kino gihe, abasangiye ibitsina ntibashobora kwubakana.
Abatavuga rumwe na Madamu Merkel bemeje bivuye inyuma iryo tegeko ariko Merkel, yahaye uburenganzira abashingamateka ngo babicishe mu matora ku munsi wa mbere, we ntiyaritoye.
Iyo ngingo yashigikiwe n'abashingamateka 393, mu gihe 226 bayihakanye, bane ntibagira ico bayivuzeko.
Kuva ubu mu mategeko y'Ubudagi hagiye kwandikwa ngo: "Abantu babiri bararekuriwe kubana ubuzima bwose baba batandukanye canke basangiye igitsina", niko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe yariko ariyamamaza mu 2013, Madamu Merkel yasiguye ko atemera imibano y'abasangiye ibitsina ku mvo "z'imibereho myiza y'abana," yemera ko "yakomerewe" cane kubera ico kibazo.






