Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Manchester United yarekuye Zlatan Ibrahimovic
Umugwi Manchester United wo mu Bwongereza warekuye umukinyi w'imbere Zlatan Ibrahimovic amasezerano yatereye igikumu ni yarangira itariki 30 z'ukwezi kwa gatandatu.
Uwo mukinyi w'imyaka 35 yemeye amasezerano y'umwaka umwe ariko ashobora kwongegwa uwundi mwaka.
Ntiyashoboye kwongegwa ikiringo inyuma yaho avunikiye mw'ivi akava mu mahiganwa mu kwezi kwa kane guheze.
Uretse uwo mukinyi hari abandi benshi bazorekugwa nk'umukinyi w'inyuma wa Chelsea John Terry, umunyezamu wa Man City Willy Caballero, uwukina imbere ku ruhande Jesus Navas hamwe n'abakinyi b'inyuma Gael Clichy na Bacary Sagna.
Ibrahimovic yakinye inkino 46 mu mahiganwa yose uno mwaka, yinjiza ibitsindo 28, afasha umumenyereza Jose Mourinho gutwara ibikombe vya Community Shield, League Cup na Europa League.