Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Man United yatahukanye igikombe ca Europa League
Umugwi Manchester United waraye uronse intsinzi ya kabiri y'uno mwaka igiye gutuma winjira mw'ihiganwa rya Champions League, inyuma yo gutsinda umugwi Ajax mw'ihiganwa rya Europa League mu gihugu ca Stockholm.
Inyuma y'igitero cabaye igihe c'igiteramo ca Ariana Grande kigahitana abantu 22 mu kigo ca Manchester Arena ku munsi wa mbere, abakunzi ba United baronse akaryo ko kuryohegwa inyuma y'intsinzi y'umugwi umenyerezwa na Jose Mourinho.
Igitsindo ca Paul Pogba co ku munota wa 18 nico cahaye ishaka umugwi wa Manchester, ryatumye munyuma Henrikh Mkhitaryan yinjiza igitsindo ciwe ca gatandatu co muri Europa League, gurtyo United itahana ibitsindo 2-0, biyituma gutwara igikombe kigira kabiri inyuma y'ico mw'ihiganwa rya EFL, uno mwaka nyene, yatse umugwi wa Southampton.
Inyuma yo gutsindira igikombe ca Europa League, United yaciye ija mu migwi imaze gutsinda mu mahiganwa yose atunganywa ku mugabane wa Buraya irimwo Ajax, Chelsea, Juventus na Bayern Munich.