Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yageraje ubuhinga bwo gukorora ibisase
Incuro ya mbere, Amerika yashoboye kugerageza ubuhinga bwo gukorora ibisase bishika kure ICBM nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Ubwo buhinga bwo mu ku butaka bwashizwe mw'ikambi imwe mu gisagara ca California bukorora igisase gishika kure nk'uko bishikirizwa n'igisata kijejwe kugenzura ibisase MDA.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko iryo geragezwa ryari ryateguwe kuva kera , ariko ryaciye ryihutishwa mu gihe hari icuka kibi hagati ya Amerika na Korea ya ruguru.
Iryo geragezwa ryakozwe ryabaye inyuma inyuma y'aho Korea ya ruguru igeragereje igisase cayo kigira gatandatu uyu mwaka.
Umuyobozi w'ico gisata co kugenzura ibisase Admirali Jim Syring ko iryo geragezwa ari intambwe ikomeye.
"Ubu buhinga ni ngombwa cane ku mutekano w'igihugu cacu, kandi iri geragezwa ni ikimenyetso ko dufise ubushobozi bukomeye bwo kwivuna", ni ko yavuze ku musi wa kabiri.
Ribaye igeragezwa rya mbere ryo gukorora ibisase bishika kure hakoreshejwe ubwo buhinga bwo ku butaka bwa GMD.
Ubwo buhinga bwageragejwe kuva Kwajalein Atoll mw'izinga rya Marshal mu guca hejuru y'ibahari ya Pacifike, nk'uko bivugwa n'ico gista.
Iryo tangazo ryashizwe ahabona inyuma y'aho Korea ya ruguru igeragereje igisase cayo ca gatatu mu ndwi zitatu nyene.
Ico gisase catewe ku birometero 450 imbere y'uko kigwa mu mazi y'Ubuyapani.