Umugore wa mbere muri Tennis Serena Williams aribungenze

Serena Williams yavuze ko yamenyesheje ko yibungenze atabiteguye, aruko ashize ifoto yiwe kuri Snapchat.

Uwo mukobwa amaze gutsinda incuro 23 ihiganwa rya Grand Slam yashize ifoto ku mbuga hwaniro, yiraba mu kiyo atanga ubutumwa ati:"indwi 20", imbere yuko ayikurako munyuma uwumufasha kumenyekana aba yemeje ivy'ayo makuru.

Williams, w'imyaka 35, avuga ko yifata amafoto uko indwi iheze ngo akurikirane imbanyi yiwe.

"Nariko ndazibikira, niko yavuze.

"Nagiye ndabikora neza ariko iyo foto imwe yonyene inca mu ryahumye."

Uwo mugore wa mbere muri Tennis yavuze ko yamenye ko yibungenze iminsi ibiri imbere yuko ihiganwa rya Australia Open ryo mu kwezi kwa mbere ritangura.