Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta y'Uburundi yatangaje ko ihanzwe n'ikiza ca malaria
Leta y' Uburundi yatangaje ko ingwara ya malaria ari ikiza, hategerezwa gufatwa ingingo zidasanzwe zo kurwanya ico kiza harimwo no kuvura abantu ikivunga kandi ku buntu.
Kubw'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu, intara zigeramiwe cane n'izo uburaruko n'ubuseruko bw'Uburundi.
Izi ntara ni nazo kandi zasinzikajwe n'uruzuba gusumba ahandi.
Ibikorwa vyo guhangana n'ico kiza biharurwa mu milioni zirenga 31 z'ama dollars.
Ihindagurika ry'ibihe hamwe no kwijukira igitegwa c'umuceri mu misozi hagati, bivugwa mu vyatumye igitigiri c'abafatwa na malaria ciyongera.
Ibitigiri vy'abafatwa na malaria vyatanguye kugaragara ko biriko biraduga kuva mu mwaka wa 2013.
Abahinga bavuga ko ingwara ifatwa nk'ikiza mu gihe ibitigiri vy'abafatwa bimaze kwikuba kabiri ugereranije n'uko biba bisanzwe mu myaka itanu y'inyuma y'aho.
Ku miriyoni 11 z'abanyiguhugu b'Uburundi, abagera kuri miriyoni umunani barafashwe na malaria mu mwaka uheze wa 2016.
Ico kiza ca malaria ciyongeye kunzara ivugwa mu bice bitari bike vy'igihugu, mbere bikaba bishobora kuba bifitaniye isano.
Muntango z'uyu mwaka, amashami ya ONU yamanyesheje ko abarundi baharugw amu miriyoni zitayu bageramiwe na kigoyi, abakaba bakeneye infashanyo ziciye miriyoni 73 z'ama dorari.