Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta y'Uburundi yiyamirije Inama nshingamateka ya Bulaya
Ku murwa mukuru w'Uburundi hazindutse imyiyerekano yo kwiyamiriza inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Bulaya.
Iyo nama iherutse kwemeza ingingo ishikiriza amakunga ku biba mu Burundi isaba ko ONU na sentare mpuzamakungu mpanavyaha bokora amatohoza ku vyaha bihambaye bikorwa mu Burundi.
Umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, n'umunyamabanga yamaho mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Terence Ntahiraja, nibo bari baserukiye leta.
Terence Ntahiraja yabwiye abitavye imyiyerekano ko inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Bulaya ikirimwo ''intumva nyinshi''.
Yavuze ko iyo nama itumva ko mu Burundi amahoro n'umutekano vyagarutse kandi ata gateka ka zina muntu kariko karahonyangwa.
Abagendesha amakinga na tuk-tuk nibo bari biganje muri iryo sinzi ry'abantu bitavye iyo myiyerekano.
Imyiyerekano yatanguriye ku mwahwaniro y'amabarabara yo mu Ngagara, ijana ibarabara Chaussee du Peuple Murundi gushika ku mahwaniro makuru hagati mu gisagara ca Bujumbura.