Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubudagi: Umuntu yafashwe ku bijanye n'igitero ca Anis Amri
Ubushikirizamanza bwavuze ko nimero y'uwo mugabo yari muri telefone ya Anis Amri, umugabo yari atwaye ikamyo yishe abantu 12 kandi ko amatohoza arambuye yerekanye ko ashobora kuba yaragize uruhara mu gitero. Buvuga ko hari ibikorwa bibandanya kandi ko itegeko ryuko yokwama afatwa aho abonywe hose rishobora gusohoka.
Amri, intagondwa yo muri Tuniziya, yapfuye arasiwe i Milan mu ndwi iheze n'igipolisi c'Ubutaliyano cari mu kazi kaco ka misi yose ko guhagarika no gusaka.
Hagataho ibikorwa vyo kurondera amayira Amri yaciyemwo birabandanya i Buraya.
Igipolisi co mu Buholandi kikaba kiriko kiratohoza niba uwakoze igitero co ku isoko ya Berlin Anis Amri yoba yarinjiye muri ico gihugu inyuma yaho yiciye abantu 12 n'ikamyo yinjije mu kibanda.
Ubwa mbere ico gipolisi cavuze ko hari "ibimenyetso" ko yahaciye, ariko munyuma kivuga ko kitovyemeza.
Simcard itarakoreshwa yo mu Buholandi yaratowe mu bintu vyari mw'isaho rigendera ku mugongo, niko amakuru aturuka ibigo vy'itangazamakuru vyo mu Bufaransa no mu Butaliyano vyavuze.