Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Putin yanse imbwa agabiwe n'igihugu c'Ubuyapani
Koichi Hagiuda ntiyavuze igituma ako kaganuke katakiriwe.
Mu 2012 Ubuyapani bwahaye Putin imbwa y'indarukazi Akita yise Yume. Ino mbwa yarigiye gutangwa ni iyarije kuyisanga.
Hagiuda yanditse ku buryo bwa "blog": "Twumvise kuri bagenzi bacu, ko icizere twari dufise co gutanga imbwa ngenzi yayo caterewe kure."
Iyo vyemerwa, ako kaganuke ko herejwe prezida w'Uburusiya mu nama yobahuje n'umushikiranghanji wa mbere Shinzo Abe mu Buyapani mu ndwi iza.
Izo mbwa "Akitas" zituruka mu buraruko bw'Ubuyapani.
Putin aratunze impwerume yakuye mu gihugu ca Bulgaria yise Buffy, yahawe n'umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu mu 2010.
Imbwa yo mu bwoko bwa "Labrador", Konni yahawe nk'akaganuke na Sergey Shoigu, umushikiranganji w'ubu wo kwivuna abansi, yapfuye mu 2014.
Putin yarigeze kujana Konni mu nama yamuhuza n'umukuru wa reta y'Ubudagi Angela Merkel asanzwe atinya imbwa. Ico gihe ibimenyeshamakuru vyavuga ko yari agiye kumutera ubwoba ariko mu ntango y'uno mwaka, Putin yabwiye ikigo c'itangazamakuru c'Ubudagi ko ataco yarazi ku vy'ubwo bwoba afise.
Yavuze ati: "Igihe menyeye ko adakunda imbwa, naciye ndamusaba ikigongwe."