Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump: Uwateye i Ohio ntiyari akwiye kwinjira muri Amerika
Prezida aherutse gutorwa muri Amerika, Donald Trump yavuze ko impunzi yo muri Somalia yagize igitero kuri kaminuza ya Ohia ku musi wa mbere, atari akwiye kuronka uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu.
Trump yavuze ko abagwanyi ba IS bivuga amazina kuri ivyo bitero vyakomerekeje abantu 11.
Umugwi w'abo bagwanyi wavuze ko uwo munyeshure yiga ivyo ubudandaji Abdul Razak Ali Artan nk' "umusirikare".
Nyina w'uwo musore w'imyaka 18 yavuze ko uwo muhungu wiwe atigeze yerekana ikimenyetso na kimwe c'uko ashobora kugira ico gitero muri kaminuza ya Ohio mu gisagara ca Colombus.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Jeh Johnson yavuze ko abagira amatohoza batarabona isano na rito hagati ya Artan n'umugwi uwo ari wo wose w'iterabwoba.
Umukozi akomeye w'ikigo kijejwe iperereza muri Amerika FBI, Angela Byers yavuze ko Artan ashobora kuba yabisabwe n'umukuru wa Al-Qaeda, Anwar al-Awlaki yiciwe mu bitero vy'indege zitagira umudereva mu gihugu ca Yemen mu 2011.
Artan yari impunzi yahungiye muri Amerika n'umuryango wiwe mu 2014 avuye muri Pakistan aho yaba kuva mu 2007.