FARC yahagaritse intambara muri Colombia

Inyuma y’imyaka ine hatanguye ibiganiro vy’amahoro, umugwi ukomeye w’abagwanyi mu gihugu ca Colombia, FARC, wamenyesheje ko uhagaritse intambara yabahuza na reta.

Umukuru w’uwo mugwi wa FARC, azwi kw’izina rya Timochenko, yategetse abagwanyi biwe bose guhagarika intambara kuva mw’ijoro ryakeye.

Yavuze ko iyo ntambara imaze igihe kinini igwanya reta irangiye.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari mu gihugu ca Cuba, yavuze ko iryo tangazo ritazopfa ryibagiwe kubera ko rirangije amatati amaze igihe kirere, imyaka irenga 50, yatumye abantu barenga ibihumbi 260 bitaba imana, abandi umuliyoni bata izabo.

Timochenko kandi azohamagaza inama ya nyuma y’umuhari wa FARC, aho uwuserukira abo bagwanyi mu biganiro azokwerekana urupapuro bashizeko umukono mu guhagarika intambara na reta.