COP26: Ku munsi wa nyuma w'inama hasohotse integuro nshasha y'amasezerano

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu nama ya COP26 Glasgow iri ku munsi wa nyuma igitutu ni cinshi ku bantu bavuye mu bihugu hafi 200 kugira haboneke amasezerano y'ingene isi yotora inyishu z'ihindagurika ry'ibihe.
Inyuma y'ibiganiro vyo mu mwiherero ijoro ryose,hasohotse integuro nshasha y'amasezerano.
Yoroheje imvugo ku bijanye no kugenda haragabanywa gukoresha ibizuku n'ibicanwa bicukurwa mu kuzimu ahubwo igashimika ku kamo k'uko ibihugu vyokomeza amahangiro ku bihe mu mwaka uza.
Iyo nama ibonwa nk'akaryo gakomeye mu twigoro two guhagarika ukwiyongera kw'ubushuhe bw'isi kugira hirindwe ingaruka za mbere mbi ziturutse kw'ihindagurika ry'ibihe.
Ubwongereza ari nabwo burongoye iyo nama, bushaka ko haboneka amazerano ashira isi ku nzira yo kugumiza ukwiyongera kw'ubushuhe bw'isi munsi ya degre 1,5C gushika mu 2100.
Ariko abahinga bavuga ko ibiriko biremerwa bitazotuma iryo hangiro rishikwako.
Impari ku mafaranga ni ikibazo gikomeye, aho ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere bisaba ibikize kuriha ivyononwa n'ihindagurika ry'ibihe.
Hari akunguko kaboneka -ariko hari n'ivyahebwe.

Umwihwezo wa Matt McGrath, umunyamakuru w'ibidukikije
Integuro nshasha ya COP26 irakomeye kuruta iya mbere mu nzira nyinshi - ariko nk'uko vyama mu biganiro, hari n'ivyakuwemwo.
Kimwe mu bintu bito ariko bihambaye vyahindutse n'ikijanye na degree 1,5C - inyandiko ya mbere yavuga ko isi yokwiha ihangiro ryo kugumiza ukwiyongera kw'ubushushe bw'isi munsi y'urwo rugero gushika mu 2100.
Abahinga bamwe basigura ko ivyo vyasa n'uko birekuwe ko ukwiyongera kw'ubushuhe bw'isi kurenza degre 1,5 gusa bukazosubizwa hasi imbere y'uko iki kinjana gihera. Ivyo vyahinduwe handikwa gusa ko ari ukugumiza ukwiyongera kw'ubushuhe kuri degre 1,5C.
Ugusaba ibihugu kwiyemeza kuzogaruka mu mwaka uza bifise umugambi mushasha wo kugabanya carbone vyagumijwemwo, ariko ingene bivugwa vyorohejwe.
Ngira kimwe mu biteye impungene cane n'uko hashizwemwo aya majambo: "gufatira k'uko ibintu vyifashe mu gihugu."
Mu gihe ivyo bishobora kubonwa nk'inzira yo kwemerera ibihugu vy'intege nke n'ibindi bihugu bidasuka imyuka myinshi mu kirere kutarinda gusubiramwo imigambi yavyo, bishobora no gukoreshwa ku Bushinwa nabwo bukagira gutyo?
Aho integuro nshasha ifise inguvu gusumba ni ku bijanye n'amafaranga n'agahombo n'ivyononekara, ibintu bibiri nkoramutima ku bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.
"Agahombo n'ivyononekera" bisigura uwutegerezwa kuriha ingaruka zitewe n'ihindagurika ry'ibihe mu bihugu bihura nazo cane n'ingene arihwa - mu ngurane canke ingabire, n'ibindi.
Amafaranga yo kwitegurira guhangana n'ibishobora gushika biturutse kw'ihindagurika ry'ibihe azogwizwa na kabiri, kandi umwaka fatiro ni 2021.













