Coronavirus: Umunyeshure w’umunyakameruni asigura ingene yakize uwo mugera

Ahavuye isanamu, PAVEL DARYL KEM SENOUA
Igihe Kem Senou Pavel Daryl, umunyeshure w'umunyakameruni w'imyaka 21, afatwa n'umugera wa coronavirus, nta ciyumviro c'ukuva mu Bushinwa camujemwo, n'aho yari kuba abifitiye ubushobozi.
Ari mu cumba ciwe kw'ishure aho amaze iminsi 14 aba ukwiwe wenyene mu gisagara ca Jingzhou mu Bushinwa, yagize ati: "Uko vyongendera kwose, sinshaka gutwara ubu bugesera muri Afrika".
Igihe yatangura kurwara, yaciye yibuka amagorwa yabonye akiri umwana igiye yafatwa na malaria. Yatinya ko ibintu vyoyangara.
Ati: "Igihe nariko nja kwa muganga ubwa mbere, nabona urupfu imbere yanje nkaguma niyumvira ingene vyari kungendera".
Mu kiringo c'iminsi 13, yagumye mu cumba ca wenyene kw'ivuriro ryo mu karere abamwo mu Bushinwa.
Yahawe imiti ya antibiotiques hamwe n'iyindi miti iri mu bwoko bw'iyisanzwe ihabwa abarwaye umugera wa SIDA. Inyuma y'indwi zibiri afata iyo miti, yaciye atangura kwerekana ibimenyetso vy'uko yariko aratora mitende.

Ibipimo vyerekana ko ata ndwara arwaye. Yabaye umunyafrika wa mbere yamenyekanye ko yanduye uwo mugera ruhonyanganda, aca aba n'uwa mbere ayikize.
Mirisi nico gihugu ca mbere ku mugabane wa Afrika catangaje ko hari umunyagihugu wayo yawanduye.
Abahinga muvyo ubuvuzi baragabisha ko mu bihugu bisanzwe bitifashe neza mu vyerekeye ubuvuzi vyogorana cane kugira ngo bihangane n'uwo mugera umaze guhitana abantu barenga 1600, abandi nabo barenga 68.000 bakaba barawanduye, abenshi bakaba bari mu Bushinwa.
Senoua ati: "Si nshaka gutaha ntahejeje amashure yanje. Sinibaza ko bikenewe ko nsubira mu gihugu kuko amafaranga yose nakoresheje mu kwivuza yarishwe na leta y'Ubushinwa.
Ivyo kuvana abanyafrika mu Bushinwa
Kuva mu kwa mbere, ibihugu bitari bike kw'isi, birongowe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, vyatanguye gutahukana abanyagihugu bavyo bibakura mu gisagara ca Wuhan no mu micungararo yaco.
Ariko abanyeshure, abakozi n'imiryango y'abanyafrika ibihumbi n'ibihumbi, baracari mu kangaratete mu ntara ya Hubei aho iyo ndwara yatanguriye, bamwe bakabona ko ibihugu vyabo vyari bikwiye kubagarukirako.
Tisiliyani Salima, umunyeshure yiga ivy'ubuvuzi akaba anarongoye ishirahamwe ry'abanyeshure bakomoka muri Zambia ati: "Turi abana ba Afrika ariko Afrika nta shaka ifise ryo kudutabara iyo tuyikeneye".

Uyo mwigeme Salima amaze hafi ikiringo c'ukwezi yiyugaraniye mu cumba ca wenyene.
Uyo mwigeme amaze guta icizere. Umwanya wose awumara aryamye arondera amakuru ajanye n'ico kiza mu Bushinwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Yicwa n'agahinda ariko abona ingene abanyeshure bagenziwe bo mu bindi bihugu bariko bahungishwa bavanwa mu gisagara ca Wuhan mu gihe bagenziwe bava mu gihugu kimwe batawe nk'akanuka.
Umwe mu banyeshure atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ati: "Ibihugu hafi vyose vya Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara bafise ingorane nk'iyo".
"Ibihugu vya Afrika, haba mu ntamatama canke ku mugaragaro, vyivugira ko Ubushinwa bushobora gufata ibintu mu minwe. Ariko ibintu biracagoranye. Iyo wumvirije abategetsi bakubwira ko badashaka gushavuza Ubushinwa."
Ku wa 30 z'ukwa mbere, ishirahamwe ry'abanyakameruni ryarandikiye umukuru w'igihugu cabo risaba ko leta yohungisha abantu bayo bari mu kangaratete muri ico gisagara kigeramiwe n'uwo mugera.

Dr Pisso Scott Nseke, umwe mu barongoye abandi muri Wuhan, avuga ko abanyakameruni bamaze indwi zitari nke bakirindiriye inyishu.
Hagati aho, yemeza ko bose batumva kumwe ibijanye n'uko bohungishwa, ariko ko bababajwe n'ingene leta yabo ata na kimwe iriko irabafasha.
Muri kuno kwezi kwa kabiri, ibihugu vya Mirisi, Algeria, Iles Maurice, Maroc n'amazinga ya Seychelles vyarakuye abanyagihugu bavyo mu ntara ya Hubei.
Hari ibindi bihugu nka Ghana na Kenya biriko vyihweza ingene vyohungisha abanyagihugu bavyo.
Abanyafrika benshi bafitiye ishavu amaleta y'ibihugu vyabo babona ko yabahevye, bamwe bagasaba ko ibihugu vyose vya Afrika vyokwigira hamwe ingene vyofasha abanyafrika bari mu Bushinwa.
Kuri Senoua wewe, nta mugambi afise wo gusubira muri Cameroun, akabona ko gusubira mu gihugu ashobora gusanga agiye atwaye uwo mugera.










