Iyo urwaruka rwamaze gutwarwa na telephone ngendanwa, ayibuze yumva ubwoba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hafi ica kane c'urwaruka baramaze gutwarwa na telephone ngendanwa ku buryo zamaze kuba nk'abaja bazo nk'uko vyerekana n'icigwa giheruka gukorwa n'abahinga mu vyerekeye indwara zo mu mutwe.
Ico cigwa cakozwe n'ikigo King's College London co mu Bwongereza, kivuga ko inyifato nk'iyo y'ukuba abaja ba ngendanwa ituma abantu bagira ubwoba canke batwarwa n'ishavu iyo babujijwe kuyikoresha.
Abakiri bato bo ntibashobora gutunganya umwanya bashobora kuba bari kuri terefone.
Ico cigwa kivuga ko uko kuba umuja wa telephone ngendanwa gufise "ingaruka mbi" kuko bishobora kuvamwo indwara zo mu mutwe.
Ico cigwa casohowe mu kinyamakuru BMC Psychiatry cihweje ubushakashatsi 21 bwakozwe ku bakiri bato 42.000, mu matohoza ku "ngaruka z'ugukoresha telephone ngendanwa".
Ico cigwa cerekana ko abagera ku bice 23% berekana ingeso z'abantu bamaze kuba abaja bazo.
Izo ngeso zishobora kuba zijanye n'ingorane zindi nk'uko ico cigwa kibivuga, nk'akarorero kwihebura, kwumva irungu, kubura agatiro mbere no kw'ishure bikanka.
Nicola Kalk umwe mu bakoze ico cigwa avuga ati: " Telefone ngendanwa iriho kandi izogumaho, ariko ni nkenerwa kutahura ko hari ingorane y'ikoreshwa ryayo".
Ati: "Ntituzi nimba ari telephone ngendanwa ubwayo canke nimba ari apps zayo zituma abantu baba abaja bayo".
"Hagati aho, ni nkenerwa ko abantu bamenya ingorane zishobora gushikira abana be n'urwaruka bayikoresha".
Asaba abavyeyi nabo kumenya umwanya abana babo bamara kuri telephone.
Eka na mugenziwe Samantha Sohn aragabisha ko kuba umuja wayo "bishobora kugira ingaruka mbi mu mutwe hamwe no mu mibereho ya buri munsi".










