WhatsApp igiye guhagarika gukorana na zimwe muri telefone ngendanwa kuva mu mwaka uza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu ntumbero yo kwinagura, porogaramu yo kurungika ubutumwa ku buhinga ngurukanabumenyi WhatsApp, yamenyesheje ko hari amatelefone ngendanwa yashize ku "rutonde rwirabura" bitazosubira gukorana kuva itariki 1 Ukwezi kwa Mbere.
Ico kigo gifise abanywanyi imiliyoni 1500 caheruka kuvuga muri kahise ko cipfuza gushimikira kuri "telefone ngendanwa zikoreshwa n'abantu benshi".
Nico gituma ico kigo gikorera mu kurungika ubutumwa kivuga ko abantu bakoresha Nokia S40 bazoshobora gukoresha uburyo bwabo gushika itariki 31 Ukwezi kwa 12, 2018.
S40 yakozwe n'ikigo Nokia co muri Finlande mu 1999, ni telefone yakoreshejwe n'abantu imiliyoni amajana.
Zimwe muri izo telefone z'ubwo bwoko ni Nokia 206 na 208, Nokia 301, Nokia 515 hamwe na Nokia Asha C3, X2 na X3.
Uburyo izo telefone zikora (Operating System) ntibuzoba bugihuje na WhatsApp, bigasabwa ko umuntu aba afise telefone "operating system" yayo igezweho canke akanagura (update) iyo asanganywe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
WhatsApp ntizokorana kandi na iPhone 4
WhatsApp irafise ivyo yahinduye bidashobora gukorana na iPhone 4. Naho muri kino gihe igikorana niyo telefone, bigiye guhagarara vuba.
Iyo porogaramu ntizoba icemerera abakoresha iyo telefone kwugurura konte nshansha canke gushira ku gihe telefone (updates).
WhatsApp ntizosubira kuboneka ku matelefone akoresha Windows 8.0 no munsi; iPhone 3GS zifise iOS6; BlackBerry OS , BlackBerry 10 na Android 2.3.7.

Ahavuye isanamu, Getty Images
"WhatsApp kuri iPhone ikeneye gukorana na iOS 8 canke nkuru yayo."
Nkuko vyanditswe ku rubuga rw'ico kigo, ufise iOS 7.1.2, ntuzoba ucugurura konte nshasha canke ngo usuzume konte zawe, ivyo bizosubira gushoboka itariki 1 Ukwezi kwa Kabiri mu 2020.
IOS 6 no munsi yazo ntizikijanye na WhatsApp.
"Duhanuye abantu gukoresha iOS igezweko, canke unagure (update) iyo ufise."
Android 2.3.7
Amatelefone akoresha Android 2.3.7 co kimwe n'ayakoresha iOS 7.1.2: zishobora gukoresha WhatsApp gushika itariki 1 Ukwezi kwa Kabiri mu 2020.
Ku bw'ikigo co gucukura Google, imiliyoni 6000 vy'amatelefone akoresha Android 2.3.7 canke Android yo munsi y'iyo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Wokora iki ufise telefone igiye kwugarigwa WhatsApp?
Uburyo telefone ikora "operating system" nibwo bwonko bwa telefone ngendanwa butuma uyikoresha ivyarivyo vyose.
Mu gihe ufise telefone yo mu bwoko bwa Android, ja kuri "Paramètres" urondere "A propos du téléphone", uca ubona ubwoko bwa Android ya telefone yawe.
Ufise ubwoko bwa iPhone, uca uja kuri "Paramètres/Informations Générales" munyuma uca uja kuri "Version" ikaguha iOS telefone yawe ikoresha.
Niba telefone yawe iri mu zavuzwe, nta kundi utegerezwa kugura iyindi telefone.
Mu gihe naho "operating system" yawe ariyo itari ku gihe, uba ugifise icizere. Uca uyinagura (update) ukayishira kuri "version" igezweko, ugashobora kubandanya uyikoresha.
Iyo ivyo vyose vyanse, iyumvire ugure iyindi ni waba wipfuza kuguma ukoresha WhatsApp.










