WhatsApp igiye guhagarika gukorana na zimwe muri telefone ngendanwa kuva mu mwaka uza

Ikimemnyetso ca WhatsApp

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, WhatsApp yamaze gutegura urutonde rwa telefone zigiye kuba zitakijanye n'iyo porogaramu

Mu ntumbero yo kwinagura, porogaramu yo kurungika ubutumwa ku buhinga ngurukanabumenyi WhatsApp, yamenyesheje ko hari amatelefone ngendanwa yashize ku "rutonde rwirabura" bitazosubira gukorana kuva itariki 1 Ukwezi kwa Mbere.

Ico kigo gifise abanywanyi imiliyoni 1500 caheruka kuvuga muri kahise ko cipfuza gushimikira kuri "telefone ngendanwa zikoreshwa n'abantu benshi".

Nico gituma ico kigo gikorera mu kurungika ubutumwa kivuga ko abantu bakoresha Nokia S40 bazoshobora gukoresha uburyo bwabo gushika itariki 31 Ukwezi kwa 12, 2018.

S40 yakozwe n'ikigo Nokia co muri Finlande mu 1999, ni telefone yakoreshejwe n'abantu imiliyoni amajana.

Zimwe muri izo telefone z'ubwo bwoko ni Nokia 206 na 208, Nokia 301, Nokia 515 hamwe na Nokia Asha C3, X2 na X3.

Uburyo izo telefone zikora (Operating System) ntibuzoba bugihuje na WhatsApp, bigasabwa ko umuntu aba afise telefone "operating system" yayo igezweho canke akanagura (update) iyo asanganywe.

Telefone za Nokia Asha 501

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Telefone ngendanwa nka Nokia Asha 501 zirashaje kuri WhatsApp.

WhatsApp ntizokorana kandi na iPhone 4

WhatsApp irafise ivyo yahinduye bidashobora gukorana na iPhone 4. Naho muri kino gihe igikorana niyo telefone, bigiye guhagarara vuba.

Iyo porogaramu ntizoba icemerera abakoresha iyo telefone kwugurura konte nshansha canke gushira ku gihe telefone (updates).

WhatsApp ntizosubira kuboneka ku matelefone akoresha Windows 8.0 no munsi; iPhone 3GS zifise iOS6; BlackBerry OS , BlackBerry 10 na Android 2.3.7.

Telefone za iPhone 4

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ufise iPhone 4 ntushobora kwinjira muri WhatsApp canke ngo usuzume konte yawe

"WhatsApp kuri iPhone ikeneye gukorana na iOS 8 canke nkuru yayo."

Nkuko vyanditswe ku rubuga rw'ico kigo, ufise iOS 7.1.2, ntuzoba ucugurura konte nshasha canke ngo usuzume konte zawe, ivyo bizosubira gushoboka itariki 1 Ukwezi kwa Kabiri mu 2020.

IOS 6 no munsi yazo ntizikijanye na WhatsApp.

"Duhanuye abantu gukoresha iOS igezweko, canke unagure (update) iyo ufise."

Android 2.3.7

Amatelefone akoresha Android 2.3.7 co kimwe n'ayakoresha iOS 7.1.2: zishobora gukoresha WhatsApp gushika itariki 1 Ukwezi kwa Kabiri mu 2020.

Ku bw'ikigo co gucukura Google, imiliyoni 6000 vy'amatelefone akoresha Android 2.3.7 canke Android yo munsi y'iyo.

Bisabwa ko unagure "operating system" mu gu telesharija "version" igezweko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bisabwa ko unagure "operating system" mu gu telesharija "version" igezweko

Wokora iki ufise telefone igiye kwugarigwa WhatsApp?

Uburyo telefone ikora "operating system" nibwo bwonko bwa telefone ngendanwa butuma uyikoresha ivyarivyo vyose.

Mu gihe ufise telefone yo mu bwoko bwa Android, ja kuri "Paramètres" urondere "A propos du téléphone", uca ubona ubwoko bwa Android ya telefone yawe.

Ufise ubwoko bwa iPhone, uca uja kuri "Paramètres/Informations Générales" munyuma uca uja kuri "Version" ikaguha iOS telefone yawe ikoresha.

Niba telefone yawe iri mu zavuzwe, nta kundi utegerezwa kugura iyindi telefone.

Mu gihe naho "operating system" yawe ariyo itari ku gihe, uba ugifise icizere. Uca uyinagura (update) ukayishira kuri "version" igezweko, ugashobora kubandanya uyikoresha.

Iyo ivyo vyose vyanse, iyumvire ugure iyindi ni waba wipfuza kuguma ukoresha WhatsApp.