Museveni ati WhatsApp iberako urusaku, nitozwe amakori

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abaganda bakoresha WhatsApp bagiye kuza barariha ikori ry'amashilingi 200 (amadolari 0.05) buri musi inyuma yaho inama nshingamateka yemereje iryo tegeko ryateye impari ku musi wa gatatu.
Iryo tegeko rizotangura gukurikizwa itariki ya mbere ukwezi kw'indwi, kandi rizogenga n'izindi mbuga ngurukanabumenyi nka facebook.
Guhanahana amahera biciye kuri telefone ngendanwa na vyo nyene bizotangishwa ikori.
Ibimenyeshamakuru muri Uganda vyavuze ko mu kwezi guheze, prezida Museveni yoba yavuze ko imbuga ngurukanabumenyi zikoreshwa "ahanini mu kuvuga ibitagira akamaro".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abaharanira agateka ka zina muntu siko babibona, umwe mu banditsi ku mbuga ngurukanabumenyi, Rosebell Kagumire, akaba yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters yuko ari "bumwe mu buryo bwo kubuza abantu gushikiriza ivyiyumviro vyabo".
Abashingamateka batatu banebaguye iryo tegeko bavuga ko ari nko "gutangisha ikori incuro zibiri", nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru cigenga ca Daily Monitor.
Umushingamateka wo mu buseruko bwa Kyaddondo, Robert Kyaggulanyi, batazira Bobi Wne, hamwe Joshua Anywarach co kimwe na Silas Aogon, bavuze ko kubera abakoresha whatsapp babanza kugura ama inite, irindi kori rije kubacinyiza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwundi mushingamateka yitwa Patrick Nsamba wo mu mugambwe uri ku butegetsi, yavuze ko iryo kori rije kwongerera umuzigo abakene
Yavuze ko vyororoshe ku bashingamateka kuvuga ko igice 1% ari amahera make, ngo ariko ku bantu bakorera amahera adashika idolari rimwe ku munsi, bigiye kubavuna.










