Sengazi, umuhinga wa mbere mu gutwenza w'i Burundi n'i Rwanda' aronse 'RFI Talent du Rire'

Ahavuye isanamu, Sengazi Michael/Facebook
Michael Sengazi niwe muhinga wa mbere mu gutwenza mu Burundi no mu Rwanda ubu yatsindiye igihembo citiriwe 'RFI Talent du Rire' gitanzwe ku ncuro ya gatanu.
Sengazi ni umuhinga mu gutwenza yavukiye i Gitega mu Burundi kuri se w'Umurundi na nyina yavukiye i Burundi ariko akomoka mu Rwanda.
Igihembo RFI Talent du Rire catangujwe n'umuhinga mu gutwenza yitwa Mamane akomoka muri Niger, asanzwe kandi ategura amakuru y'ugutwenza kw'iradiyo y'abafaransa RFI Gondwana.
Ni igihembo kironswa umuhinga muvyo gutwenza yabaye uwa mbere mu bandi. Iki gihembo kijana n'ama €4 000 azokironswa mu kwezi kuza kwa umi na kabiri.
Bwana Sengazi ati: "Kano gashimwe rero kuri jewe ni ikintu gikomeye, cerekana ko babonye kandi bemeye ko akazi kanje ndagakora neza, kandi ko nshobora n'ukugera kure gusumba ng'aha".
Muri Afrika, aka gashimwe gatanzwe ku ncuro igira gatanu, Michael Sengazi rero akaba ariwe yatowe ku rwego rwa Afrika yose.
Bwana Sengazi yize amashure y'intango mu Burundi n'ayisumbuye kuri Michel Archange i Bujumbura, yiga amategeko muri Kaminuza ya ULK i Kigali mu Rwanda.
Ahejeje ivyigwa yahisemwo gukora umwuga wo gutwenza.
Ati: "Nacaguye gukora ibijanye na comedie kuko nabona ko ariyo mpano Imana yampaye".
Abavyeyi babona ariko aronona
Avuga ko hari abantu badatahura ko uyu nawo ari umwuga. Ati: "Ndabumva cane kuko ni ibintu batamenyereye, badasanzwe bakora canke babona".
Michael yinjiye neza na neza muri ico gisata mu 2010 akina theatre, mu nyuma ahura na bagenzi we baciye batanguza umugambi w'ugukora ivyo gutwenza i Kigali.
Agitangura abavyeyi biwe nabo ntibavyumva ariko mu nyuma baramufata mu mugongo.
"Umuvyeyi yumvise ko mvuye mu vy'amategeko ngiye gukina ivyo gutwenza, yaciye abona ko ngiye kwonona amafaranga y'ishure yantangiye" - Bwana Sengazi.

Ahavuye isanamu, Sengazi Michael
"Ku muvyeyi, kugira ngo umuntu atere imbere ni uko akora akazi nyene k'abantu bakomeye, bwa buzi nyene buzwi n'abantu benshi.
Ako kazi gashasha rero gashasha ntibashoboye kugasobanukirwa canke ngo bakumve, ariko naragerageje kubibumvisha".
Michael atera akamo abandi bavyeyi gushigikira abandi bana bashobora kuba bafise intumbero bashaka kujanamwo ubuzima bwabo, mu gihe atari ikintu kimwicira ubuzima canke gituma amera nabi.
Agira ati: "Ni ukumuba hafi kuko ni yatsitara ni wewe uzohangayika kuko ni umwana wawe".










