Zimbabwe: Umuhinga mu gutwenza 'anegura ubutegetsi' yaranyurujwe arakubitwa

Umuhinga rurangiranwa mu gutwenza wo muri Zimbabwe ari mu bitaro aho ariko aravurwa inyuma y'aho akubaguriwe n'abantu bataramenyekana bari bitwaje ibirwanisho mw'ijoro ryakeye,.
Samantha Kureya azwi cane nka Gonyeti muri Zimbabwe, yaratewe muhira iwe abwirwa ko ibikino vyiwe binegura ubutegetsi ku buryo burenze urugero.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abanegura ubutegetsi bamaze igihe bahohoterwa.
Leta ivuga ko ivyo bikorwa n'abafise intumbero y'ugucafuza ubutegetsi.
Musazawe Jonathan Gasa, yabwiye BBC ko abantu batandatu bitwaje ibirwanisho bambaye ibitambara mu maso bateye muhira iwe bakamunyuruza.
Avuga ko bamwambuye izo yambaye bongera baramukubita mu kiringo c'amasaha atari make.
Bwana Gasa avuga ko bamwagirije ko yifatira mu gahanga ubutegetsi abicishije mu bikino vyiwe.
Inyuma yo kumunyuruza abiwe bagiye kumubona haciye amasaha atatu.
Mugenziwe Lucky Aaron yabwiye BBC ko bagiye kumuta "mw'ishamba" mu micungararo y'umugwa mukuru Harare.
Avuga ko yamutoye akamushikana kwa muganga, ariho bamupima bakavuga ko bamuvunaguye amagufa.
Aaron avuga ko afise amakenga ku magara yiwe kuko bamunywesheje ibiziba.
Kureya azwi mu bikino kw'izina rya Gonyeti ni umwe mu bantu bazwi cane ku mbuga ngurukanabumenyi nk'abahinga rurangiranwa mu gutwenza.
Igikino ciwe giheruka cari cerekeye ubugome bw'igipolisi.

Ahavuye isanamu, Hmetro
Iryo hohotera rya Kureya ryiyamirijwe cane, aho hari n'uwavuze ati "n'uwutwenga arahohoterwa".
Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko abategetsi bariko bakoresha uburyo bw'ugukubagura bwakoreshwa ku ntwaro ya Robert Mugabe.
Ubutegetsi bwa Zimbabwe buvuga ko ataruhara bufise muri iryo kubagurwa.
Hagati aho, abategetsi bavuga ko hari akarwi gashaka guteza urubwa ubutegetsi ariko kamaze iminsi kanyuruza abantu, harimwo abanywanyi b'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike be n'abatavuga rumwe la leta.
Mu kwezi kwa kabiri uno mwaka, uyo mukinyi Kureya ni umwe mu bakinyi babiri bahagaritswe bagirizwa guteza umudugararo igihe bakina bambaye inyambaro yasa n'iy'igipolisi.
Ico gihe yaragabishijwe ko igikino ciwe cariko gifata intumbero ya politike.










