Muri Zimbabwe, ihasa ryigamba ko rimaze kuryamana n’abagore barenga 1000

Ahavuye isanamu, TAFADZWA FICHANI/NEW ZIMBABWE
Umwe mu mahasa asa cane muri Zimbabwe bigeze kuvugwa cane mu biyamakuru igihe batamarirwa n'abantu isinzi bambaye udushato tw'impene tuzibira ibihimba vy'irondoka mu mwaka wa 2006, avuga ko amaze kuryamana n'abagore barenga 1000.
Ikinyamakuru New Zimbabwe co muri ico gihugu, kimenyesha ko Tafadzwa Fichani, ubu asanzwe aba mu karere kitwa Gokwe Nembudzi hagati na hagati muri ico gihugu, yakibwiye ko asanzwe agendana umugera wa SIDA, ko rero ataco bimubwiye gukoresha agakingirizo.
Yigamba cane, Tafadzwa avuga ati: "Kubera iki nokoresha ubukingirizo mu gihe nzi ko nanduye umugera, nikingire kugira bigende gute" ?
Tafadzwa yimba ubutare, akaba akorera ibikorwa vyiwe mu karere gasanzwe kimbwamwo ubutare ka Zenda, kandi rero akaba yishimira iyo ngeso yiwe y'ugufata abagore akabakoresha uko ashaka.
Yabwiye ico kinyamakuru ati: "Jewe maze kuryamana n'abagore barenga 1000. Ico nobabwira ni uko abagore bataraba isura y'umuntu, bobo ico bashaka ni amahera gusa".
Avuga ko ubutunzi bwiwe bwamutaye mu rudubi. "Amafaranga yanje yose nakuye mu butare, nayakoresheje mu kwiryohera n'abagore, ico naco nico abagore bishakira. Amafaranga ng'aha si ikibazo".
Tafadzwa avuga ko umukobwa canke umugore akurikira uwimba ubutare atiyumvira ku ngaruka mbi zishobora kuva ku guhuza ibitsina batikingiye.

"Abagore n'abakobwa ba Gokwe bishakira amahera, amahera gusa, amahera ku yandi, ntavyo kuraba ngo usa gute, ucafuye canke wambaye neza, wewe gusa ube ufise amahera, ntushobora kubura umugore canke umukobwa muryamana. Na nje rero sinshobora kutabaryohera iyo bankunze.
"None raba ng'aha, ubona hari umuntu yambaye neza muri aba bimba ubutare? Ariko abakobwa n'abagore barabirukira, ni ukubera amahera".
Tafadzwa yabwiye ico kinyamakuru ko yahevye gukoresha agakingirizo kuva amenye ko arwaye.
Avuga ati: "Ntaco ngitinya. Ni imbwa irya imbwa. Ubwo ni bwo buzima bw'abimba ubutare. Kandi rero si n'ikinyegezwa, abenshi muri bo barapfa bahitanywe n'umugera wa SIDA"!

Ahavuye isanamu, THE ZIMBABWE HERALD
"Narahevye kwambara ubwo bufuko kandi ubu rero ndondera barya bagore n'abakobwa bafata ya miti y'ugupfupfahaza igabanya ubukari bw'umugera (anti-rétroviraux)".
Hagati aho, asanzwe yubatse.
Yivugira umengo ntaco bimubwiye, agira ati: "Ndubatse kandi dufise abana batatu, umwe muri bo yitwa Zimbabwe. Mfise abana batandatu bose hamwe.
"Abandi bana batatu nabavyaranye n'abandi bagore batatu nyene batandukanye bafashe ingingo yo kumpeba. Ubu rero mfise umugore umwe inyuma y'aho abandi bantereye akagere kubera batashobora kwihanganira ingeso yanje y'ukuryamana n'abagore batandukanye".
Mu mwaka wa 2006, Tafadzwa n'ihasa ryiwe yitwa Tapiwa baratamariwe n'isinzi ry'abantu, inyuma y'aho baviriye kwa se wabo bakigira kuba ahandi bambaye inshato.
Ayo mahasa Tafadzwa na Tapiwa barahagaritswe n'igipolisi uwo mwaka kubera bari bambaye uduhimba duto duto tw'inshato twari tuzibiye ibihimba vy'irondoka gusa, bakiha amabarabara bazunguruka mu mabutike makuru makuru yo ku mugwa mukuru Harare.
Imbere y'aho bakiba mu Bwongereza, ayo mahasa bari bigeze gutabwa muri yompi bavuga ko baronse umuhamagaro w'Imana wababwira ko batokwambara impuzu z'abanya Bulaya.
Ayo mahasa avuga ko ababanegura ku ngingo yabo y'ukwambara inshato babaye abaja b'imico y'abanya Bulaya kubera bobo babona ko basubiye ku mico y'imbere y'uko abazungu baza muri Afrika.










