Abashika 12 baraye bishwe n'umurwi ADF i Beni mu buseruko bwa Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bashika 12 baraye bishwe mu gitero cakozwe n'umurwi witwaje ibirwanisho mu gisagara ca Beni c'intara ya Kivu ya ruguru mu buseruko bw'igihugu ca Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo.
Nk'uko bivugwa n'ababibonye, abitwaje ibirwanisho bo mu murwi Allied Democratic Forces (ADF) baje bitwaje imipanga bica abantu muri karitiye ya Boikene y'ico gisagara ku mugoroba w'ejo ku wa kabiri.
Abasirikare ba leta ya Congo barashoboye gutabara ariko ico gitero kikaba catumye abantu baterwa n'uburakari bwinshi.
Mu ndwi iheze, uyo murwi ADF warishe abantu bantu 14 muri ico gisagara nyene.
Abanyagihugu bazibiye amabarabara muri ico gisagara bakaba banateye amabuye amamodoka y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bagiriza ko yananiwe n'ukubakingira.
Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko abarwanyi ba ADF batera abasivire nk'igihano ku bantu uwo murwi wagiriza ko bakorana n'igisirikare.
Kuva mu mpera z'ukwezi kw'icumi, igisirikare ca Congo caratanguye ibitero ku murwi ADF ukomoka muri Uganda ukaba ucumbitse muri ico gihugu kuva mu mwaka wa 1995.






