Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Twitter itegura kubonana na Manchester United kw’ityozwa rya Pogba
Twitter igiye kubonana n'umurwi Manchester United n'abarongoye ishirahamwe Kick It Out inyuma y'ityozwa rya Paul Pogba rishingiye ku macakubiri y'urukoba.
Uyo mukinyi w'umwirabure akomoka mu Bufaransa yabaye umukinyi agize gatatu mu ndwi imwe gusa atyojwe ku mbuga hwaniro, inyuma y'uguhusha penalty .
Abagenzi batari bake bakinana na Pogba bariyamirije iryo tyozwa.
Umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'abagore w'Ubwongereza, Phil Neville, wewe akaba yasavye abakinyi "guheba gukoresha" imbuga hwaniro.
Twitter ivuga ko izobonana n'abo bose vyegwa kugira ngo yerekane ko iriko irakora "ibishoboka vyose" kugira ngo ihagarike ityozwa.
Mw'itangazo yasohoye, yagize iti: "Ingendo y'amacakubiri nta kibanza ifise ku rubuga rwacu kandi turayiyamirije cane".
"Mu ndwi nkeya ziri imbere, abarongoye Twitter bazobonana na Manchester United, n'amashirahamwe yandi ataho yegamiye abifisemwo uruhara yipfuza kumenya igikorwa Twitter iriko irakora kugira ngo ihagarike ityozwa rishingiye ku macakubiri y'urukoba rikorerwa abakinyi bamwe bamwe mu Bwongereza".
"Kuri iyo mvo, turiteguye gukorana gusumba n'incuti zacu kugira ngo dutorere hamwe inyishu kuri iki kibazo".
Twitter yoba iriko ifata ingingo izahe?
Ingingo ngenderwako za Twitter zirabuza abanywanyi bayo ubugizi bwa nabi, iterabwoba n'uguhohotera abantu bisunze ku rukoba, ubwoko canke n'iyindi mirwi y'abantu itegerezwa gukingirwa.
Kuva mu 2018, igitigiri c'ama 'comptes' yahagaritswe cariyongereye kubera yarenze kuri izo ngingo gushika ku bice 45%, ico gitigiri kikaba cariyongereye incuro zitatu mu masaha 24 inyuma y'aho ironkeye ayo makuru.
Pogba yateye 'penalty' ku munota wa 68 ica ifatwa n'umunyegori Rui Patricio, mu rukino rwahuza Man United na Wolves ku wa mbere rwarangiye iyo mirwi yompi inganya igitsindo kimwe ku kindi.
Umukinyi w'inyuma wa Man United Harry Maguire yasavye amakompanyi y'imbuga hwaniro "guhagarika ubutumwa bubiba urwanko".
Nawe umusatirizi Marcus Rashford ati "ibi bintu birarenze, bitegerezwa guhagarikwa".
Phil Neville yahoze akina mu murwi Manchester United avuga ati "guheba gukoresha" imbuga hwaniro vyotanga "ubutumwa bukomeye".
Umurwi Manchester United nawo uvuga ko uriko "ukora uko ushoboye kugira umenye" abatyoje Pogba.
Eka n'urubuga rwa Facebook rwasohoye itangazo aho rumenyesha ko "rugiye gushirako uburyo bwo kuzibira ityozwa n'ihohotera", kandi ko abantu bazorenga kuri izo ngingo "bazosezererwa burundu".