Perezida wa Kenya yiyemeje guhagarika umugenzo wo gukeba abigeme ibice bimwe vy'ibihimba vy'irondoka

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru wa Kenyam Uhuru Kenyatta, avuga ko yipfuza guhagarika umugenzo wo gukeba abigeme ibice bimwe vy'ibihimba vy'irondoka imbere y'uko ava ku butegetsi mu mwaka wa 2022.
Ivyo vyamenyeshejwe ku rubuga hwaniro rwiwe rwa Twitter aho rwasubiyemwo amajambo yavugiye mu nama yitiriwe Women Deliver iriko ibera muri Canada, aho yavuze ko yizeye "guhagarika" umugenzo w'ugukata abigeme ibice bimwe vy'ibihimba vy'irondoka.
Kuva mu mwaka wa 2011 amategeko yo muri Kenya arabuza uwo mugenzo, ariko uracabandanya.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Perezida Uhuru ntiyamenyesheje ariko ingene azobigenza mu kurwanya uwo mugenzo gushika urangire burundu.
Yiyemeje kandi gufasha kugira ngo ubusumbane hagati y'abagabo n'abakenyezi buvanweho iyo hageze gutunganiriza abakenyezi.
Urubuga rwiwe rwa Twitter rwasubiyemwo amajambo yiwe avuga ati: "Twipfuza ko igihugu gitahura y'uko abakenyezi bashoboye nk'abagabo. Dutegerezwa kuborohereza tukabaha akaryo ko gukora".
Ayo majambo yavuzweko vyinshi n'abamunegura. Yishura ku vyanditswe ku rubuga rwa Perezida Kenyatta, uwitwa Jeremiah Kipainoi yanditse ati: "Urugamba rwo kurwanya ikebwa ntirworoshe nk'uko ubivuga.
"Kuva mu mwaka wa 2011 itegeko rirwanya uwo mugenzo rigiyeho, ingorane nyamukuru yamye ari ishira mu ngiro yaryo, ubu ni wewe ubijejwe… ukaba urwo rugamba waruhebeye amashirahamwe…bakora kugira ngo abandanye abaho"!!!
Uwitwa PC Kemei wo mw' ishirahamnwe ryitwa Adventure Youth Group (AYG) ryishinze kurwanya uwo mugenzo muri ico gihugu yanditse ati: " Ikigo kijejwe kurwanya umugenzo wo gukeba abigeme nta mafaranga akwiye gihabwa.
"Abantu batari bake barapfuye bazize ikebwa mu mwaka wa 2018 gusa, kandi abagize leta yawe babakingira ikibaba. None iyo ngeso uzoyirwanya gute ga nyakwubahwa? Jewe ndibaza ko wavuze ivyo kugira ngo unezereze abariko barakwumviriza, ariko atari vyo ushaka kuvuga".
Ishirahamwe ryitwa 28 Too Many ryo mu Bwongereza ryishinze kurwanya umo mugenzo rivuga ko umugore umwe kuri batanu (1/5) bari hagati y'imyaka 15 na 49 y'amavuko muri Kenya bakaswe ivyo bihimba, ariko ko ibitigiri bigenda bigabanuka.










