Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Belmadi ni we agiye kumenyereza umugwi nserukiragihugu wa Algeria
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Algeria ryagenyer Djamel Belmadi kuba umumenyereza mushasha w'umugwi nserukiragihugu mu kiringo c'imyaka ine.
Belmadi abaye umumenyereza agira gatandatuwa Algeria mu kiringo c'imyaka ibiri, akaba asubiriye Rabah Madjer.
Belmadi yarakiniye umugwi nserukiragihugu wa Algeria kuva mu mwaka 2000 gushika mu 2004, aho yakinye inkino 20 yinjiza ibitego 5.
Uwahoze asamira uwo mugwi na we, Aziz Bouras yagarutse muri uwo mugwi w'igihugu inyuma yo kuvuga ko atanze imihohop mu kwezi kwa kabiri muri uyu mwaka.