Autriche yirukanye aba Imam 40 ku gataka kayo

Mu barongozi b'aba Imam 260 bari mur'ico gihugu, 60 bariko bagirwa ko amatohoza ku bikorwa vyabo leta ibona ko vyegereye iterabwoba. Ibikorwa vyibutsa intambara ya mbere y'isi, ni imwe mu mvo z'ayo matohoza.

Sebatsian Kurz atwara leta yavuze ko imirwi ishaka kubaho nk'iyibangabanganywe n'intwaro, ata kibanza ifise mu gihugu ca Austriche.

Aha yatanze akarorero k'imirwi ikora ivya politike bifatiye kw'idini rya Islam co kimwe n'iyindi mirwi y'intagondwa.

Abategetsi batanguye amatohoza mu ntango z'uyu mwaka, inyuma y'aho amasanamu y'ivy'indwano atanguye kuboneka mur'ico gihugu.

Ayo masanamu yerekana abana bambaye impuzu z'igisirikare ca Turukiya, bakina bifotoza, ari ibiziga.

Aba bana bakibutsa indwano yambere y'isi yabereye I Gallipoli mu Butaliyano, mu musigiti urongowe n'umurwi witwa ATIB wegereye intwaro ya Turukiya.

Uwo murwi ATIB ushira imbere imigirwa y'idini rya Islam.

40 nibo bagiye kwirukanwa.

Imvo n'uko ari abo mur'uwo murwi ATIB, kandi baronswa imfashanyo ziva mu bindi bihugu, nka Turukiya.

Icegera c'umushikiranganji wambere wa Autiche, Heinz Christian Strache avuga ko aba Islamu batabwirizwa gushirwa mu murwi rusangi w'abinubwa.

Uyo mutegetsi ava mu mugambwe w'abarwanira ubwigenge bw'abanyagihugu,

Ariko yongeye ati, mu myaka iheze, harabonetse abagira ibikorwa vy'itera bwoba, bisiguza igitabu ca korowani.