Uburusiya bushaka kwirukana abaserukira Ubwongereza

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sergei Lavrov avuga ko abakozi b'Ubwongereza bategerezwa kwirukanwa

Uburusiya buvuga ko bugiye kwirukana abaserukira igihugu c'Ubwongereza "vuba" mu kwishura ku bijanye n'abakozi 23 b'ubuserukizi bw'Uburusiya birukanywe n'Ubwongereza.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, yabwiye itangazamakuru ry'Uburusiya ko ukwirukana abo bakozi "gutegerezwa" kuba.

Ubwongereza bwafashe iyo ngingo inyuma yaho Moscou yankiye gusigura ingene ubumara bwakozwe n'Uburusiya, bwakoreshejwe mu kugerageza kwica umusumyi w'urusaku n'umukobwa wiwe mu Bwongereza.

Uburusiya bwarahakanye, buvuga ko ata ruhara bubifisemwo.

Umushikiranganji wabwo w'imigenderanire yavuze ko ibirego vy'umushikiranganji wa mbere Theresa May "bidafashe".

Uburusiya buvuga ko Ubwongereza butigenjeje ukwo vyari bikenewe ku bijanye n'ico kibazo, mu gihe butishimikije ivyemezo.

Abajijwe igihe bazokwirukanigwa, Bwana Lavrov ngo yavuze ati: "Vuba. Ndabibemereye."