Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zimbabwe: Icegera c'umukuru w'igihugu cakuwe
Icegera c'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yakuwe mu mabanga, nkuko umushikiranganji ajejwe amakuru yabimenyesheje.
Bwana Mnangagwa yagirijwe kwerekana ingeso ijanye n'kutemera ubutegetsi, ukutubaha n'ukudakora ibishimisha, niko umushikiranganji ajejwe amakuru, Simon Khaya Moyo yavuze, kubw'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Ikugwa ryiwe risa n'iryemeza ko umutambukanyi wa Perezida Robert Mugabe, Grace, ariwe azokurikira amakanda y'umugabo, akarongora Zimbabwe.
Mu masaha aheze, yasaba umugabo ngo akure icegera ciwe.
Bwana Mnangagwa yari yitavye umubonano na Perezida mu gitondo, nkuko bisanzwe bikogwa ku munsi wa mbere.
Inyuma y'uwo mubonano, hakurikiye inama n'abashikiranganji bakuru mu bagize leta.
Mw'itangazo ryasomye n'umushikiranganji ajejwe amakuru, Simon Khaya Moyo yavuze ko umukuru w'igihugu ahejeje gukora ivyo arekuriwe n'ibwirizwa shingiro.
Mnangagwa yarakoranye na Mugabe imyaka irenga 40, ari umufasha wiwe na cane cane igihe c'ingwano yo kubohoza Zimbabwe mu 1977.
Mu mugambwe bamutazira "ingona"kubera amayeri yiwe.
Ntaco aravuga ku bijanye n'ikugwa ryiwe.