Amatora mu Burundi 2020: Ndayishimiye na Rwasa basaba Abarundi kwakira ibizovamo

Kuri iri genekerezo rya 20 ry'ukwa gatanu, Abarundi bazindukiye mu matora yo gutora abarimo n'umukuru w'igihugu. BBC ntiyemerewe gukorera mu Burundi.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Turakengurukiye abanywanyi bateramanye natwe ikibiriraho

    Turakengurukiye abanywanyi bateramanye natwe ikibiriraho tubashikiriza amakuru ku matora y'uno munsi.

    Mu gihe ibiro vy'amatora vyamaze kwugara mu Burundi, ano makuru y'ikibiriraho nayo agarukiye ngaha.

    Murashobora kuja ngaho munsi mukaraba ibikurubikuru vyaranze uno munsi.

  2. Amatora yarangiye: Batanguye guharura

    Ku bibanza vy’amatora bitari bike, amatora yarangiye nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa rigenga amatora ko arangira isaha icumi mu masaha y’u Burundi.

    Benshi bazindutse kare cane gutora imirongo yari miremire mu gatondo yagiye iragabanuka, ahatari hake mu masaha ya sita yari yaheze, hasigaye haza umuntu umwe umwe.

    Amakuru ava mu Burundi avuga ko ku bibanza vy’itora bitari bike gushika hafi isaha icenda ibice birenga 90% bari bamaze gutora.

    Igikorwa co guharura ivyavuye mu matora kikaba cari gitegekanijwe gutangura isaha icumi.

    Mu gihe mu matora yabaye mu myaka iheze abamenyeshamakuru bashobora kuza barashikiriza ibiharuro babona mu biro vy’amatora, ubu ntivyemewe.

    Abamenyeshamakuru bariyemeje ko bazokwama batangaza ibiharuro bizoba bitanzwe n’umurwi ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu canke imirwi yawo ku rwego rw’intara canke rwa komine.

    Vyitezwe ko ibiharuro mfatakibanza vy’ibizoba vyayuye mu matora y’uno munsi bizotangazwa icese ku wa 25 canke 26 z’uku kwa gatanu.

    Gushika ku mugoroba amatora arangiye imbuga hwaniro zari zitarasubira gukora, leta nayo ntaco irishura kuri ico kibazo.

  3. Umukenyezi ari gutora kw'ishure rya Giheta mu ntara ya Gitega

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Umukenyezi ari gutora kw'ishure rya Giheta mu ntara ya Gitega
  4. Agathon Rwasa aranegura ivyo guca imbuga hwaniro

    Agathon Rwasa

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Agathon Rwasa

    Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutora, umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa aranegura ivyo avuga ko imbuga hwaniro zoba zaciwe kuri uno munsi w’amatora.

    Avuga ko ibi bishobora gutuma abantu bata icizere ko azogenda neza.

    Umuvugizi wa guverinoma y’u Burundi ntacyo arishura BBC ku kibazo kivugwa co guca imbuga hwaniro.

  5. Ndayishimiye na Rwasa basaba Abarundi kwakira ibizova mu matora

    Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe Angeline Ndayubaha aho batoreye ku biro vy'itora vya Buru

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe Angeline Ndayubaha aho batoreye ku biro vy'itora vya Buru

    Abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu baramaze gutora, abenshi bakaba bagiye gutorera aho basanzwe bavuka.

    Abakandida babiri bahabwa amahirwe mu ihiganwa ku kibanza c’umukuru w’igihugu batoreye ku mitumba bavukamwo.

    Evariste Ndayishimiye wa CNDD-FDD yatoreye kw’i Buru, ni muri komine Giheta y’intara ya Gitega asanzwe avukamwo.

    Agathon Rwasa wa CNL yatoreye ku mutumba Ciri wa komine Kiremba y’intara ya Ngozi na we nyene avukamwo.

    Bompi bakaba basaba abanyagihugu kwakira ibizova mu matora nk’uko bizotangazwa n’abajejwe kuyategura.

    Bwana Ndayishimiye asaba abanyagihugu ko botahura y’uko aya matora ariko araba atari imanza ziriko ziracibwa.

    Bwana Rwasa wewe asaba abanyagihugu ko borindira batekanye ibiza kuva mu matora, akabahanura ko bobandanya babana neza n’abo batavuga rumwe.

    Abaserukira ibihugu vya Tanzania, Nigeria na Kenya bobo bashima ko amatora ariko araba mu mutekano ntangere.

    Agathon Rwasa n'umutambukanyi wiwe Annonciate Haberisoni aho batoreye i Ngozi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Agathon Rwasa n'umutambukanyi wiwe Annonciate Haberisoni aho batoreye i Ngozi
  6. Prof Julien Nimubona we abona gute aya matora?

    Umwigisha wa kaminuza Julien Nimubona akaba n'umuhinga mu vya politike, aheruka kubwira BBC Gahuzamiryango ingene abona amatora yo ku tariki 20/05/2020 mu Burundi.

    Yanatubwiye kandi ku kuntu abona demokrasi yifashe mu Burundi hamwe n'ibirindiriye umukuru w'igihugu azotorwa.

    Insiguro y'amajwi, Prof Julien Nimubona abona gute amatora n'intambwe ya demokrasi igezweho?
  7. Ico Prof Filip Reyntjens avuga kuri aya matora mu Burundi

    Florentine Kwizera yavuganye na Filip Reyntjens, yari umwigisha muri Kaminuza ya Antwerp mu Bubirigi, yanonosoye inyigisho za politike n'amategeko akaba anakora ubushakashatsi ku karere k'ibiyaga bigari.

    Uretse gusubira gutunganya neza intwaro, Filip Reyntjens avuga ko ikibazo c'imigenderanire y'u Burundi n'amakungu yatitutse kuva mu 2015 kiri mu birindiriye uwuzokorera mu ngata Prezida Pierre Nkurunziza.

    Insiguro y'amajwi, Amatora mu Burundi 2020: Filip Reyntjens asanga CNDD FDD yarashoboye kwihagararako
  8. Abatonze ku matora muri iki gitondo kuri Ecofo Kanyinya muri komine Kirundo y’intara ya Kirundo

    Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

    Insiguro y'isanamu, Abatonze ku matora muri iki gitondo kuri Ecofo Kanyinya muri komine Kirundo y’intara ya Kirundo
  9. Jewe ndiko ndakoresha internet nciye kuri VPN master ndi mu Kamenge

    Ahavuye isanamu, G Habarugira

    Insiguro y'isanamu, Jewe ndiko ndakoresha internet nciye kuri VPN master ndi mu Kamenge
  10. Abarorerezi benshi ni ab'imigambwe

    Inyuma y’uko umurwi w’indorerezi wari kurungikwa n’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko unaniwe kuza kubera ikiza coronavirus, mu matora ubu hibonekeza indorerezi ziserukira amashirahamwe amwe amwe yo hagati mu gihugu, nka MAC, Fontaine Isoko, CECAB n’ayandi.

    Hampande hari abaserukira abitoza baboneka ku biro vy’itora.

    Abenshi bakaba ari abahagarariye imigambwe CNDD-FDD, CNL na Uprona, n’aho uyu wa nyuma hari aho utaboneka, aho ni nko mu biro vy’itora biri kw’ishure shingiro rya ECOFO Buye, ya komine Mwumba mu ntara ya Ngozi.

  11. Coronavirus

    Abamenyeshamakuru bavuga ko ahenshi abanyagihugu baja gutora bariko barakurikiza bimwe mu bisabwa mu kwikingira ikiza ca Covid-19.

    Ku biro bitari bike mu gihugu, abanyagihugu babanza gukaraba.

    Hagati aho, hari ahandi bigora, aho ni nko mu makomine amwe amwe y’intara ya Bujumbura aho usanga ata mazi yo gukaraba ahari, mbere n’abantu biramukaniriza ataco binona.

    Ariko ikitoroshe ni ya ngingo yo kutegerana, aho mu burere bwinshi iyo ngingo itariko irakurikizwa.

    Gushika ubu mu Burundi abamaze kwandura ni 42, abakize ni 20, uwapfuye ni umwe.

  12. Imbuga hwaniro 'ntizikora'

    Imbuga hwaniro

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Amakuru ava mu Burundi avuga ko imbuga hwaniro (imbuga nkoranyambaga, mu Kinyarwanda) zacitse mu gihugu.

    Bamwe bamwe mu bakoresha imbuga nka Whatsapp, Facebook, Twitter na Instagram bavuga ko badashobora kwinjira kuri izo mbuga.

    Ivyo vyari bigize iminsi binugwanugwa ko uburyo bwo gutumatumanako hakoreshejwe imbuga hwaniro bushobora guhagarikwa kuri uno munsi w’amatora.

    Umwe mu bamenyeshamakuru akorera mu Burundi yabwiye BBC ko imbuga hwaniro zose zidakora avuga ko ari ikintu gitangaje kandi kiriko kirica akazi kabo.

    Agira ati: "Benshi vyadutangaje cane rwose twibaza impamvu ibi biba ku munsi w’itora".

    Gushika ubu leta ntaco iramenyesha kw’ifungwa ry’imbuga hwaniro.

  13. Ibikuru muri kahise k'amatora mu Burundi
    Insiguro y'isanamu, Ibikuru muri kahise k'amatora mu Burundi
  14. Kw'ishure ryisumbuye ESTA Rohero bari batonze imirongo imbere y'isaha cumi nazibiri

    Ahavuye isanamu, Journal Ubumwe

    Insiguro y'isanamu, Kw'ishure ryisumbuye ESTA Rohero bari batonze imirongo imbere y'isaha cumi nazibiri
  15. Utugorane i Bujumbura

    Hari ibice bimwe bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura gushika isaha cumi na zibiri batari bwatangure kubera habaye utugorane.

    Aho ni nko muri Zone Musaga ahavugwa ko hari ibikoresho harimwo na twatuzu tw’umwiherera tutari bwashike, kandi n’abakozi bahagarariye amatora batari bwatange intumbero ku rutoki rusigwa irangi iyo umuntu ahejeje gutora.

    Umuvugizi wa CENI Philippe Nzobonariba akavuga ko vyavuye ku bikorwa vyinshi bagize ku mugoroba w’ejo, na rirya igisagara ca Bujumbura kigizwe n’amakomine atatu gusa.

    Yabasavye kwihangana, umwanya uwo ari wo wose ko bashobora gutangura.

    Pierre-Claver Kazihise, akuriye umurwi w'amatora mu Burundi (CENI), yamenyesheje ko uwuhejeje gutora aca asigwa rya rangi ridafudika ku rutoke nsumbazose rw’ibubamfu kugira ngo ntahave yisubiriza.

    Asaba abanyagihugu ko bokworohereza abajejwe guhagarikira amatora ntihagire abanka ko babasiga iryo rangi.

  16. Ibindi womenya uyu munsi:

    • Ibiro vy’amatora vyuguruye isaha icumi na zibiri zo mu gitondo (6AM), birugara isaha icumi zo ku muhingamo (4PM) ku masaha y’i Burundi
    • Ibibanza birenga gato ijana (100) mu nama nshingamateka ni vyo bihatanirwa
    • Abatora bose ni 5,113,418 mu Burundi
    • Ibiharuro vy’ibanze biva mu matora bizomenyekana igenekerezo 25/05/2020.
  17. Habuze ukwiza 50% haba ikiciro ca kabiri, ibindi womenya

    Abarundi bakwije imyaka y'ugutora uyu munsi baratora indongozi nshasha, amatora atari amenyerewe mu gihugu, kuko ku munsi umwe bategerezwa gutora umukuru w'igihugu, batore abashingamateka hamwe n'abahanuzi b'amakomine.

    Itora rivugwa cane ni iry’umukuru w'igihugu, abagabo ndwi bari guhiganwa, itegeko ry'amatora ritegekanya ko muri bo hatagize ukwiza amajwi 50% hoba ikiciro ca kabiri.

    Abiyandikishije gutora bose ni 5,126,352, ariko abazwi ko baja gutora bangana na 5,113,418.

    Ni inyuma y’uko umurwi ujejwe amatora umenyeshereje ko Abarundi bari hanze bangana na 12,933 badashobora gutora kubera coronavirus.

    Ku nteguro y'umurwi CENI, mu gutora umwe wese ahabwa ibipapuro bitatu, kimwe kiriko abitoza ku rwego rw'umukuru w'igihugu, ikindi kiriko abitoza mu bashingamateka, ica gatatu kiriko abitoza ku rwego rw'abahanuzi ba komine.

    Ni amatora abaye amakungu n'amashirahamwe mpuzamakungu avuga ko ata ndorerezi mvamakungu zizoba zihari.

    Ni inyuma y'aho indorerezi zirungitswe n'umuryango w'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko zitagishoboye kuja kwitabira ico gikorwa kubera ikiza ca coronavirus.

    CENI yo ivuga ko hari indorerezi mvamakungu 53 zemerewe kuzokurikirana ayo matora, abo nabo bakaba ari abakozi b'ubuserukirizi bw'ibihugu vya Tanzania, Misiri, Ubushinwa, Kenya, Afrika y'Epfo, Republika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Nigeria, Uburusiya be n'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika.