Abarundi bakwije imyaka y'ugutora uyu munsi baratora indongozi nshasha, amatora atari amenyerewe mu gihugu, kuko ku munsi umwe bategerezwa gutora umukuru w'igihugu, batore abashingamateka hamwe n'abahanuzi b'amakomine.
Itora rivugwa cane ni iry’umukuru w'igihugu, abagabo ndwi bari guhiganwa, itegeko ry'amatora ritegekanya ko muri bo hatagize ukwiza amajwi 50% hoba ikiciro ca kabiri.
Abiyandikishije gutora bose ni 5,126,352, ariko abazwi ko baja gutora bangana na 5,113,418.
Ni inyuma y’uko umurwi ujejwe amatora umenyeshereje ko Abarundi bari hanze bangana na 12,933 badashobora gutora kubera coronavirus.
Ku nteguro y'umurwi CENI, mu gutora umwe wese ahabwa ibipapuro bitatu, kimwe kiriko abitoza ku rwego rw'umukuru w'igihugu, ikindi kiriko abitoza mu bashingamateka, ica gatatu kiriko abitoza ku rwego rw'abahanuzi ba komine.
Ni amatora abaye amakungu n'amashirahamwe mpuzamakungu avuga ko ata ndorerezi mvamakungu zizoba zihari.
Ni inyuma y'aho indorerezi zirungitswe n'umuryango w'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko zitagishoboye kuja kwitabira ico gikorwa kubera ikiza ca coronavirus.
CENI yo ivuga ko hari indorerezi mvamakungu 53 zemerewe kuzokurikirana ayo matora, abo nabo bakaba ari abakozi b'ubuserukirizi bw'ibihugu vya Tanzania, Misiri, Ubushinwa, Kenya, Afrika y'Epfo, Republika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Nigeria, Uburusiya be n'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika.