Burundi: Agathon Rwasa aranegura ivyo guca imbuga hwaniro

Agathon Rwasa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Agathon Rwasa avugako hari utunenge turiko turibonekeza irya n'ino mu gihugu mu matora

Mw'ijambo yashikirije ahejeje gutora, umukuru w'umugambwe CNL Agathon Rwasa aranegura ivyo avuga ko imbuga hwaniro zoba zaciwe kuri uno munsi w'amatora.

Avuga ko ibi bishobora gutuma abantu bata icizere ko azogenda neza.

Umuvugizi wa guverinoma y'u Burundi ntacyo arishura BBC ku kibazo kivugwa co guca imbuga hwaniro.

Bwana Rwasa avugako hari utunenge turiko turibonekeza irya n'ino mu gihugu, cane cane mu ntara za Rumonge na Muyinga, aho abaserukira umugambwe wiwe CNL birukanywe, abandi nabo bagapfungwa.

Hari no mu zindi ntara ivyo bivugwamwo, nka Bujumbura hamwe na Bururi.

Ku bindi vyabereye aho uyo mu kandida yatoreye, umukuru w'ibiro vy'itora yankiye abamenyeshamakuru gufata amasanamu y'ingene yariko aratora.

Vyabaye ngombwa ko umukuru w'umurwi ujejwe amatora ku rwego rw'intara ya Ngozi atanga itegeko, aha uruhusha abamenyeshamakuru, maze barafata amasanamu.

Uwo mugambwe uvuga kandi ko hari abategetsi bariko bafasha umugambwe CNDD-FDD kwiba amatora bakoresheje impusha zo gutorera abandi.

Umuvugizi w'uyo mugambwe,Terence Manirambona, atanga akarorero ko ku musozi Gihororo wa komine Rango y'intara ya Kayanza, aho abarenga 70 gushika isaha zitanu bari bamaze gutorerwa.

Utundi tunenge tuvugwa n'uyo mugambwe harimwo;

  • Kwanka guha abarorerezi igitigiri c'abatorera kubiro kanaka,
  • Kwankira gutora abanyeshure bari mu ndaro,
  • Gutora inshuro zirenze imwe,
  • Gutorera umuntu ata kete rimwemerera kumuhagararira,
  • Kwankira abarorerezi gutorera aho bariko bakorera akazi kabo.

Avuga kandi ko hari inyandiko zitanga uburenganzira bwo guhagararira uwutahari zatanzwe mu kajagari n'abakuru b'imitumba.

Umurwi CENI ntaco urashobora gushikirizakuri ivyo bivugwa n'umugambwe CNL.