Ian Wright yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza ati: Ihiganwa CAN/AFCON ririko 'rirasuzugurwa'

Ian Wright yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza avuga ko ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru rya Afrika ririko "rirasuzugurwa" n'ibinyamakuru bimwe bimwe bifise intumbero mbi.

Iri higanwa rihuza imirwi 24 ryitezwe gutangura icese ku wa 09 z'ukwa mbere kuza kandi rikazohuriramwo n'abakinyi b'ibihangange bo mu mirwi itandukanye ikomakomeye yo ku mugabane wa Bulaya.

Umumenyereza wa Crystal Palace Patrick Vieira na we nyene ari mu basaba ko iri higanwa rihabwa icubahiro cose.

Aciye ku rubuga rwa Instagram, Wright yavuze ati: "Ubwo hoba hari ihiganwa rindi ryoba risuzugurwa nk'ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru rya Afrika?"

Avuga ku kungene ibinyamakuru bivuga iri higanwa rya CAN/AFCON, agira ati: "Nta teka na rimwe rindi risumba guserukira igihugu cawe. Ivyandikwa n'ibinyamakuru kuri iri higanwa vyuzuyemwo ivanguramoko.

"Twarakinye ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru ca Bulaya turikinira mu bihugu 10 kubera ikiza, kandi nta ngorane vyateye. Ariko kubona Cameroun ari yo yonyene yakiriye iri higanwa, ni ikibazo.

"Hari abakinyi bama babazwa nimba bazokwitabira imirwi nserukirabihugu yabo. Iyumvire iyaba yari umukinyi w'Ubwongereza yategerezwa guserukira umurwi nserukiragihugu. Urazi umunezero uba uhari?".

Umusatirizi wa Côte d'Ivoire akinira Ajax Sebastien Haller avuga ko kubona hari abashaka ko umukinyi aheba gukinira igihugu ciwe kugira abandanye akinira umurwi wiwe "vyerekana agasuzuguro bafise kuri Afrika".

Yabwiye ikinyamakuru co mu Buholande De Telegraaf ati: "Hari umukinyi w'umunya Bulaya yari kubazwa iki kibazo iyaba ryari ihiganwa rya Bulaya?"

"Neza cane, nzotegerezwa guserukira Côte d'Ivoire. Iri ni ryo teka risumba ibindi vyose".

Hagati aho, uyu mukinyi w'imyaka 27 avuga ko gutakaza inkino zo mu murwi wiwe "bibabaje cane". Haller yongerako ati: "Ntibingwa neza iyo ngeze aho mpitamwo gukinira igihugu canje canke umurwi wanje".

N'aho imirwi itari mike izotakaza abakinyi bayo bakomakomeye mu kwa mbere kuza - harimwo na Crystal Palace yiteze gutakaza Cheikhou Kouyate, Wilfried Zaha na Jordan Ayew - umumenyereza wayo Vieira agaruka ku ciyumviro ca Haller.

Vieira, yatsindiye igikombe c'isi yose hamwe n'ica Bulaya igihe yakinira Ubufaransa, avuga ati: "Ndubaha kandi ndatahura igishika n'akamaro ku bakinyi kuja guserukira ibihugu vyabo, rero sinshobora kuzibira umukinyi n'umwe ngo ndamubuze kuja gukinira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika".

"Ndemera ko iri higanwa ritegerezwa gusonerwa - kuko iri higanwa ni nkenerwa nk'uko ayandi mahiganwa ya Bulaya ari nkenerwa".

Liverpool, umwe mu mirwi iriko irarwanira bikomeye ihiganwa ry'Ubwongereza, izogira uruhombo rudasanzwe kuko izobura umusatirizi wayo karuhariwe, Mohamed Salah, umusatirizi mugenziwe Sadio Mane hamwe n'umukinyi wo hagati Naby Keita bose biteze kwitabira iri higanwa rya Afrika.

Manchester City iri imbere mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, izotakaza Riyad Mahrez, mu gihe umurwi ugira kabiri Chelsea nawo uzotakaza umunyegori wawo Edouard Mendy nayo West Ham itakaze Said Benrahma azoja guserukira Algeria.

Leeds United, Newcastle United, Norwich City na Tottenham niyo mirwi yonyene itazotakaza umukinyi n'umwe kubera iri higanwa rya Afrika.

Abakinyi bemerewe gukinira imirwi yabo gushika ku wa 03 z'ukwa mbere hanyuma bace baja guserukira ibihugu vyabo muri iri higanwa ry'igikombe ca Afrika, ni inyuma y'aho FIFA ihinduriye ingingo "ku mvo z'ubugwaneza", yategeka iyi mirwi kurekura abakinyi bitarenze ku wa 27 z'uku kwa cumi na kabiri.

Wright ati: "Muri iki gihe, abakinyi beza beza i Bulaya ni abanyafrika".

"Nimba tubakunda bari mu mirwi y'iwacu kubera iki tudashobora kubakunda bari mu mirwi nserukirabihugu yabo nka bagenzi babo b'ahandi kw'isi yose? Kubera iki abantu bagenda banebagura iri higanwa?"

"Ndashimira cane abakinyi nka Sebastien Haller biyamiriza amajambo mabi y'ibinyamakuru bimwe bimwe, hamwe na Patrick Vieira yavuye mu gacerere agashira ahabona ibi bintu.

"Niyo mpamvu ari ngombwa kugira umumenyereza w'umwirabure ashobora kwumvisha abantu amamuko yiwe n'akamaro iri higanwa rifitiye Abanyafrika.

"Nipfurije imigisha myinshi Cameroun kubona yemeye kwakira iri higanwa, hamwe n'abakinyi bose n'abakunzi b'umupira w'amaguru".