Helen Nkwocha - umumenyereza wa mbere w'umugore w'ikipe ikomeye y'abagabo i Buraya

Helen Nkwocha

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Helen Nkwocha niwe yamenyereje Tvoroyrar Boltfelag mu nkino zayo zibiri ziheruka
    • Umwanditsi, Inkuru ya Simon Stone
    • Igikorwa, BBC Sport

Helene Nkwocha yari afise ishaka n'ukwihagararako igihe yagurisha inzu yiwe agafata icemezo co kuba mu nzu y'ubwato kugira aronke amahera yo kuriha ishure ryo kuba umumenyereza w'umunyamwuga.

Ariko nta na hamwe mu ndoto ziwe higeze habamwo ivy'uko yobaye umumenyereza wa mbere w'umugore w'ikipe y'umupira w'amaguru y'abagabo yo ku rwego rwo hejuru i Buraya.

Tvoroyrar Boltfelag ni imwe mu makipe ya kera cane mu mazinga ya Faroe.

Ariko mu gihe umwaka w'inkino utagenze neza wagomba uhere - mu gihe bari bamaze kuwuronkamwo amanota atatu gusa - biyambaje Nkwocha, yakora muri iyo kipe nk'umumenyereza w'abakiri bato, ngo ababere umumenyereza mu mikino itandatu isigaye.

Uyu mudamu yavukiye i London yabwiye BBC Sport ati "Ntivyansavye kwiyumvira".

"Uko abantu babifata ntibihuje na jewe kuko bobo batangazwa n'igitsina canje. Ariko kuba ndi umugore ndabimenyereye. Nta gishasha kirimwo kuri jewe.

"Naho kuba nkorana n'abakinyi b'abagabo? Nakoranye n'abakinyi b'abagabo benshi kurusha abagore. Kuba nkora akazi kuri uru rwego, ego, ivyo ntibisanzwe. Ariko gukorana n'abakinyi b'abagabo ivyo kuri jewe nta gishasha kirimwo."

Igihe BBC Sport yavugana na Nkwocha mu 2015 yari mu ntango y'urugendo rwamushikanye mu bihugu vyinshi, harimwo Ubushinwa na Amerika, arondera akazi.

Uyu mudamu w'imyaka 45 agira ati "Vyari bigoye cane kuko akazi ko kumenyereza karahiganirwa cane".

"Utegerezwa kuba umuntu atadebukirwa kandi kuba mu nzu y'ubwato bwari bwo buryo bwiza kuri jewe bwo kuziganya amahera nari nkeneye kugira mbeho, kandi nshobore kubona umwanya wo kumenyereza kuko ku rwego nk'urwo nta mahera menshi uronka.

"Vyansavye ukwitanga kudasanzwe mu bijanye n'amafaranga hanyuma mu bijanye n'aho nategerezwa kuba ndi, naguma ngendagenda cane ndondera amahirwe yo kwiga no gutera imbere."

Nkwocha yariko arakorera i Chicago igihe yumva ko hari akazi mu mazinga ya Faroe.

Mu gihe Covid yagomba itangure guhagarika ubuzima, yararavye asanga ivyo ako kazi kari kumuzanira vyari bigoye kwivyiyumanganya.

Ntiyari bwashike mu mazinga ya Faroe na rimwe.

Agira ati "Ni nk'ahantu ho mu migani myiza. Ni heza cane, nibaza yuko ari ho hantu heza maze kubona.

"Nta bantu benshi bahari - hatuwe n'abantu 2.000 - kandi nyinshi mu nkino dukina dutegerezwa gufata ubwato, hanyuma imodoka kugira dushike iyo dukinira. Kandi hari umuyaga mwinshi umupira nawo ukama uri mu kirere bisigura ko ari ahantu hagoye ku mupira w'amaguru."

Mu nkino zibiri ari umumenyereza mfatakibanza, Nkwocha yarananiwe guhagarika gutsindwa kwa TB. Ariko mu mpera z'indwi batsinzwe 1-0 gusa, kandi hari umukinyi wabo yahawe ikarata itukura.

Nkwocha azoguma akora uko ashoboye, yirinda kwiyumvira ivya kazoza ka nyuma y'impera z'umwaka w'inkino.

Uko vyogenda kwose, nta n'umwanya ukwiye afise wo kwiyumvira cane ivya kazoza.

Igihe BBC Sport yavugana nawe, yari ahejeje akazi kiwe k'uwo munsi - kumenyereza bamwe mu bakiri bato mw'ikipe ya TB.

Namubwiye nti Pep Guardiola wa City ntategerezwa kwigisha incuke hamwe n'abakuze.

Nkwocha yaciye afatwa n'agatwengo.

Aca agira ati "Ntagiye mu vyo gutera inkuru, uravye uko imyimenyerezo igenda, urashobora kuvuga ko na Helen atavyo akora".