'Singiye gutanga imihoho na gato' – Zinedine Zidane inyuma y'uko Real itsinzwe na Shakhtar

Shakhtar Donetsk had not won any of their three Champions League games since beating Real Madrid in October

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Shakhtar Donetsk ntiyari bwasubire gutsinda urukino na rumwe muri zitatu z'imigwi yabaye iya mbere iwabo kuva batsinze Real Madrid mu kwezi kwa cumi

Umumenyereza wa Real Madrid, Zinedine Zidane, yavuze ko "atagiye gutanga imihoho" inyuma yo gutsindwa na Shakhtar Donetsk, ivyatumye haba amakenga ku gushika muri 1/8.

Uwo mugwi umaze gutwara ibikombe 13 vy'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya (Champions League), ubu uri mu kibanza ca gatatu mw'itsinda B.

Imigwi yose ko ari ine ikaba ifise amahigwe yo kubandanya ihiganwa inyuma y'urukino rwa nyuma ruzoba mu ndwi iza.

Real itegerezwa gutsinda umwugwi uri kw'isonga wa Borussia Monchengladbach, kugira ishobore kubandanya ihiganwa.

Inyuma yo gutsindwa ibitego 2-0, Zidane yagize ati: "Singiye gutanga imihoho na gato."

Uwo mumenyereza w'umufaransa umugwi wiwe wari uherutse gutsindwa na Alaves 2-1 mw'ihiganwa ryo muri Espagne ku munsi wa gatandatu, yongeyeko ati:

"Tuzoguma duhura n'ibibazo bitoroshe, tumerewe nabi, ariko dukeneye kwinanata."

"Ndafise inguvu zose zikenewe kugira nshobore guhindura ibintu, kandi ngiye kwitanga uko nshoboye mu kubikora. N'abakinyi n'uko.

"Twakinye neza, ntitwari dukwiye gutsindwa. Dukeneye gukura amaboko mu mpuzu hanyuma tukiyumvira urukino ruzokurikira."

Bwabaye ubwa kabiri Shakhtar itsinze Real mw'ihiganwa ry'uyu mwaka kuko yaheruka kuyitsinda 3-2 mu rukino rwabereye i Madrid.

All four sides can still qualify with one round of fixtures remaining in Group B - Real Madrid host Borussia Monchengaldbach and Shakhtar Donetsk are away to Inter Milan
Insiguro y'isanamu, Iyo migwi yose ifise amahirwe yo kubandanya ihiganwa inyuma y'urukino rumwe rusigaye mw'itsinda B - Real Madrid izakira Borussia Monchengladbach hanyuma Inter Milan yakire Shakhtar Donetsk

Mu rundi rukino rwo mw'itsinda B rwabaye ku wa kabiri, Romelu Lukaku yinjije ibitego bibiri vya Inter Milan mu ntsinzi y'uwo mugwi ya 3-2 kuri Monchengladbach, bituma bagumana icizere co kubandanya ihiganwa.

Uwo mugwi waheruka gutwara igikombe co muri Espagne, wabura abakinyi babiri bakomeye, Eden Hazard na kizigenza wawo Sergio Ramos.

Ariko Karim Benzema we yasubiye gukinira kuri ico kibuga baheruka kuronkerako igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu 2018.