Lionel Messi 'azasoreza umupira we muri Barcelona' - Bartomeu

Perezida w'ikipe ya Barcelona yavuze ko Lionel Messi "azasoreza akazi ke n'umupira we muri Barcelona".

Kontaro Messi afite ubu muri Barcelona izarangira mu mwaka utaha wa 2021.

Bartomeu yabwiye igitangazamakuru Movistar cyo muri Espagne ati:

"Turi kuganira n'abakinnyi benshi ariko Messi yadusobanuriye ko ashaka kuguma [hano]".

"Rero tugiye kunezezwa na we mu gihe kirekire kurushaho".

Bartomeu yavuze ibyo nyuma y'umukino w'ejo ku cyumweru wa shampiyona ya La Liga Barcelona yatsinzemo Villareal ibitego 4 - 1 ku kibuga cya Villareal.

Byayifashije kugabanya ikinyuranyo cy'amanota hagati yayo na Real Madrid iyoboye urutonde rw'agateganyo rwa shampiyona n'amanota 77, mu gihe Barcelona yo ifite 73.

Mbera yaho ku munsi w'ejo, penaliti ya Sergio Ramos yafashije Real kwivana hamana imbere ya Athletic Bilbao ku ntsinzi y'igitego 1 - 0.

Iyo penaliti yatanzwe nyuma yo kugenzura uburyo bw'amashusho ya 'camera' yunganira umusifuzi buzwi nka 'VAR'. Ni mu gihe Bilbao yo yari yangiwe ubusabe bwa penaliti.

Ibyo byatumye Bartomeu agaragaza kudashira amakenga ugushyira mu gaciro kw'iryo koranabuhanga.

Yagize ati: "Nabonye uwo mukino wabereye kwa Bilbao kandi nubwo ntashaka kubivuga, ndabisubiramo ko VAR itarimo gukoreshwa uko byakagombye".

"Kuva umwaka w'imikino wasubukurwa nyuma y'amakuba ya Covid-19 ntabwo ikoreshwa mu buryo bungana, ibyo byagaragariye mu musaruro kandi bisa nkaho buri gihe ibera ikipe imwe".

Mu kumusubiza, umutoza Zinedine Zidane wa Real yavuze ko "arambiwe" no kumva intsinzi z'ikipe ye zinengwa.