Urukino rwa Arsenal-Manchester City ntirwerekanwa kuri TV y'Ubushinwa kubera Mesut Ozil

Televiziyo y'Ubushinwa CCTV yafashe ingingo y'ukutekerana urukino rwa Arsenal na Manchester City inyuma y'amajambo yashikirijwe n'umukinyi wa Arsenal Mesut Ozil, nk'uko bimenyeshwa n'ikinyamakuru ca leta.

Mu butumwa yacishije ku rubuga hwaniro, Ozil yariyamirije ugufatwa nabi kw'aba Isilamu bo mu karere ka Uighur mu Bushinwa.

Umurwi wa Arsenal wasohoye itangazo aho witandukanya n'amajambo yavuzwe n'uyo mukinyi akomoka mu Budagi, uvuga ko "ari ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike".

Ikinyamakuru c'u Bushinwa The Global Times cavuze ko ayo majambo ya Ozil ari "ibinyoma" kandi ko "yahemukiye" abajejwe urukino rw'umupira w'amaguru.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bushinwa ryamenyesheje ko ivyavuzwe na Ozil "bidashobora kwihanganirwa" kandi ko yababaje "abakunzi ba Arsenal" mu Bushinwa.

CCTV yaciye ifata ingongo yo kwerekana urukino rwa Tottenham na Wolves, aho kwerekana urukino rwa Arsenal iza kwakira Man City isanzwe ifise igikombe c'ihiganwa ry'u Bwongereza.

Muri ayo majambo yacishije ku rubuga hwaniro, Ozil, asanzwe ari umunywanyi w'idini rya Isilamu, yavuze ko aba isilamu ba Uighur ari "abarwanyi bariko barwanya ihohotera bakorerwa".

Aranegura kandi Ubushinwa n'abandi ba Isilamu avuga ko bigira sindabibazwa ku ngorane abo ba Isilamu barimwo.

Ubushinwa bubandanya buhakana ko butariko burahohotera aba Isilamu ba Uighur.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko abantu bababa umuliyoni - hafi bose bagizwe n'aba Isilamu ba Uighur - bapfungiwe mu mabohero acungerewe cane kandi ata rubanza baciriwe.

Ubushinwa buvuga ko ahubwo bari mu bigo aho bariko bahabwa inyigisho ngo bashobore kurwanya indyane zishingiye ku madini.

Mu kwezi kw'icumi, ishirahamwe ry'umupira w'amaboko rya Amerika, NBA, ryarahuye n'ibibazo vy'ubutunzi inyuma y'aho umwe mu barongoye imirwi ya NBA yandikiye amajambo ku rubuga ntangamakuru yatosekaje imigenderanire n'Ubushinwa.

Daryl Morey, umukuru w'umurwi Houston Rockets, yanditse kuri Twitter avuga ko ashigikiye imyiyerekano y'ukurondera ubwigenge muri Hong Kong.

Ayo majambo yatumye amakompanyi y'Ubushinwa ahagarika imfashanyo zayo be n'amasezerano yerekeye kwerekana inkino z'umupira w'amaboko ku ma televiziyo.