Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Pierre-Emerick Aubameyang yatowe nk'umukinnyi w'ukwezi muri shampiyona y'Ubwongereza
Pierre-Emerick Aubameyang ukinira Arsenal muri shampiyona y'Ubwongereza yatowe nk'umukinnyi warushije abandii mu kwezi kwa Cyenda.
Aumbameyanga w'imyaka 30 yatsinze ibitego bitanu mu mikino ine ya shampiyona mu kwezi kwa Cyenda, birimo n'icyo yatsinze kuri 'coup franc' mu minota ya nyuma y'umukino Arsenal yatsinzemo Aston villa.
Umutoza wa Liverpool, Jurgen Klopp yatowe nk'umutoza w'ukwezi ku nshuro ya kabiri y'ikurikiranyije.
Liverpool itaratsindwa na rimwe muri shampiyona, ikaba iyoboye urutonde rw'agateganyo, yatsinze Newcastle, Chelsea na Sheffield United mu kwezi kwa Cyenda.
Bwana Klopp yatsinze undi mutoza wahabwaga amahirwe wa Bournemouth, Eddie Howe, uwa Chelsea Franck Lampard n'uwa Leicester City, Brendan Rogers.
Aubameyanga yatsinze ibitego bibiri byiza mu mukino Arsenal yanganyijemo na Watford ndetse n'ibitego biriri byo kugombora yatsinze Tottenham na Manchester United.
Aubameyang ukomoka muri Gabon, yatsinze abandi bakinnyi bahabwaga amahirwe yo kwegukana iki gihembo barimo, Trent Alexander-Arnold, Kevin de Bruyne, Son Heung-min na Riyad Mahrez.