Romelu Lukaku wa Inter de Milan abaye uwundi mukinyi yatyojwe kubera ari umwirabure

Ahavuye isanamu, EPA
Umusatirizi wa Inter Milan Romelu Lukaku yatyojwe n'abakunzi b'umurwi Cagliari mu gihe yari atsinze igitsindo kuri penalty cahaye intsinzi umurwi wiwe mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano, Serie A.
Agiye mu rutonde rw'abandi bakinyi b'abirabure bamaze gutyozwa n'abakunzi ba Cagliari, ivyatumye abantu basaba ko hafatwa ingingo.
Igihe yari yinjije, Lukaku w'imyaka 26 yahagaze inyuma y'igori ahanze amaso abakunzi ba Cagliari - baciye baririmba indirimbo z'ukumutyoza ngo ni inguge.
Ikigo Fare kijejwe kurwanya ikumira mu mupira w'amaguru i Bulaya cavuze kiti: "Cagliari isanzwe ifise iyo ngeso".
Iyo nyifato y'abakunzi ba Cagliari yiyamirijwe n'umukinyi w'inyuma wa Inter Milan Skriniar mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma y'urukino. Ikinyamakuru La Gazzetta dello Sport co mu gihugu c'Ubutaliyano casubiyemwo amajambo yavuze ati: "Hariho ibintu bitategerezwa kuza mu mupira w'amaguru".
Hagati aho, umumenyereza wa Inter bamubajije ivy'izo ndirimbo z'amacakubiri, yavuze ati: " Ni ukuri nta kintu na kimwe numvise. Ariko, nivyo ko mu gihugu c'Ubutaliyano hakenewe inyigisho gusumba".
Uyo mukinyi mpuzamakungu w'umubirigi Lukaku, yari aramutse akina urukino rugira kabiri muri uyo murwi umenyerezwa na Conte, kuva aguzwe muri Manchester United ku miliyoni 90 z'amadolari ya Amerika.
Mu mwaka w'inkino w'umwaka uheze, Moise Kean wa Everton yaratyojwe uko nyene mu gihe umurwi Juventus yari asanzwe akinira wahura na Cagliari.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko ibintu vyagiye kuba nabi igihe umumenyereza wa Juventus, Massimiliano Allegri, n'umukinyi w'inyuma, Leonardo Bonucci, basa n'abashigikiye iryo tyozwa, aho bavuga ko Kean yategerezwa gutyozwa uravye inyifato yagize mu kwigina igitsindo ciwe.
Serie A yafashe ingingo y'ukudahana abakunzi ba Cagliari kuri ayo macakubiri y'urukoba - n'aho yavuze ko ivyo bakozwe "bihanwa n'amategeko".
Imbere y'aho, abakunzi ba Cagliari bari biyamirijwe igihe batyoza uwundi mukinyi wa Juventus Blaise Matuidi - ariko abarongoye umupira w'amaguru mu Butaliyano bakaba batabafatiye ingingo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu mwaka wa 2017, umukinyi wo hagati w'umurwi Pescara Sulley Muntari yaravuye mu kibuga inyuma y'aho atyogerejwe n'abakunzi ba Cagliari kubera ari umwirabure - ariko akaba yaciye afatirwa ingingo n'abarongoye umupira w'amaguru kuri iyo nyifato y'ukwiyamiriza iryo tyozwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Cagliari yariyamirijwe bikomeye ku mbuga hwaniro, ariko gushika ubu ikaba itaratorera inyishu inyifato y'amacakubiri y'ejo ku wa Mungu.










