Ikipe y’Intamba mu Rugamba ngo yiteguriye kwitanga ku rukino rwa kabiri

Robert Patrick Misigaro, BBC.

Ikipe y'intamba mu Rugamba, ivuga ko itazemera gusubira gutsindwa, mu gihe vyoshika izoca isezera igikombe ca Afrika 2019.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, umumenyereza Olivier Niyungeko ntiyacishije kure mu kwerekana akamaro urukino wo kuwa kane na Madagascar ufitiye Intamba mu Rugamba.

U Burundi buhirahiriye bugatsindwa urwo rukino, nta nkeka bwoca busezererwa muri iri higanwa butarenganye umuce wa mbere, ariko iyo kipe ngo ntiyiteze gukorwa mu jisho kabiri.

Bwana Niyungeko yagize ati: " Iyi ni finale (urikino rwa nyuma) ya kabiri tugiye gukina, kuko tutayitsinze bizoba biheze.

"Iya mbere yari umukino na Nigeria, kuko bose bavuga ko iyo kipe iza kuduhamba, ariko nayo yadutsinze twarwanye kigabo".

Madagascar ni iyo kwitondera

Ikipe ya Madagascar u Burundi buzohura nayo ntawoyigereranya na Nigeira mu bukomezi, ariko nayo yarerekanye ko atari iyo gupfa guta mu ndasa aho yakina na Guinea.

Madagascar nayo ni ubwa mbere igiye muri iri higanwa, yarihagazeko inganya 2-2 na Guinea.

Umukino wayo urimwo igikenya cinshi, ukaba utandukanye n'uw'Intambamu Rugamba.

Aho Intamba zobonera akoyoko, ni uko umumenyereza wa Madagascar, Nicolas Dupuis, yavuze ko ikipe yiwe yakuye imvune n'umuruho mu rukino rwa Guinea.

Ku rupapuro Intamba zisumvya gato amahirwe Madagascar, gusa kuri ibi kizigenza w'Intamba, Saido Berahino, yavuze ko ivyo atariko babibona.

Saido yagize ati: "Dutegerezwa kububaha kuko twarabonye ko ari abakinyi bakomeye.

"Turiteguye neza mu mutwe no ku mubiri, kandi buri mukinyi arazi ingene uru rukino ruhambaye. Tuzoba twameze magabo kuva ku firimbi ya mbere".

Nigeria yagaragayemwo ibibazo

Nigeria, iri imbere mu mugwi B n'amanota 3/3, yagaragayemwo ibibazo aho bivugwa ko abakinyi uno munsi banse kwimenyereza bivuye ku gashirukabute kabo batarahabwa.

Umumenyereza wa Nigeria, Gernot Rohr, yaje wenyene mu kiganiro n'abanyamakuru, abajijwe igituma ata mukinyi bazananye nk'uko vyategerezwa avuga ko hari abarwaye abandi nabo bakaba bari mu 'nama yihutirwa'.

Ariko mu nyuma vyaje kumenyekana ko ari ikibazo c'imishahara abakinyi batarahabwa, ibintu vyashavuje abakunzi benshi ba Nigeria, berekanira ishavu ryabo ku mbuga hwaniro.

Umugwi B ejo kuwa gatatu uzobamwo umukino hagati ya Nigeria na Guinea isaha 16h30, kuwa kane naho u Burundi buhure na Madagascar kuri ayo masaha nyene.

Ushaka kumenye uko amakipe ahagaze mu migwi, uko ahura, uko atsindana hamwe n'amanota afise, urashobora kuja NGAHA.