Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika ntihagaze neza mw’ihiganwa ry'umupira w'amaguru w'abagore kw'isi ribera mu Bufaransa
Ibintu ntivyifashe neza ku mirwi ya Afurika mu nkino za mbere zo muri rya higanwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru rihuza imirwi nserukirabihugu y'abagore ririko ribera mu Bufaransa.
Umurwi wa Norvège warirahiye uwa Nigeria mu kuwutsinda ibitsindo bitatu ku busa mu rukino rwabaye ku munsi wa gatandatu, aho vyabonetse ko Norvège yasumbije umukino Nigeria.
Eka n'igihugu ca Afrika y'Epfo, ari bwo bwa mbere cinjiye muri iryo higanwa kuva ritanguye yaratsinzwe na Espanye ibitsindo bitatu kuri kimwe, harimwo ibitsindo bibiri vy'umupira waterewe ku metero 11 (penalties).
Afrika y'Epfo ikaba yagiye kurangiza urukino idakwiye, inyuma y'aho umukinyi Nothando Vilakazi aherewe ikarata itukura ku munota wa 82.
Eka nayo nyene vyarabonetse ko Espanye yayisumbije umukino bikomeye, n'aho yagerageje kuzibira kandi ariyo yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 25.
Kuri uyu wa mbere, Kameruni iza gutana mu mitwe na Canada mu rukino ruza kuba isaha zitatu z'ijoro mu masaha y'Uburundi n'u Rwanda.
Nigeria isigaje gutana mu mitwe na Koreya y'Ubumanuko nayo yatsinzwe n'Ubufaransa ibitsindo bine ku busa mu rukino rwo kwugurura iryo higanwa ku munsi wa gatanu, hamwe rero n'Ubufaransa.
Afrika y'Epfo yo isigaje guhura n'Ubushinwa hamwe n'Ubudagi bwatsinze iki gihugu igitsindo kimwe ku busa.
Muri iryo higanwa rihuza abagore ubu rigize iryo umunani kuva ritanguye mu 1991, nta gihugu ca Afrika kirigera kirenga igice ca kane gishira ica nyuma, co kimwe no ku ruhande rw'abagabo.