Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Salah, Mane na Aubameyang basangiye agashimwe k'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza
Abakinyi Sadio Mane wa Liverpool, na Pierre-Emerick Aubameyang wa Arsenal batsinze ibitsindo mu rukino rwa nyuma vyatumye bahamyva Mohamed Salah wa Liverpool bose basangira agashimwe kiswe Golden Boot (Ikirato c'Inzahabu) gahabwa uwinjije ibitsindo vyinshi.
Ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza muri uno mwaka ryarangiye ejo ku munsi wa Mungu abo bakinyi bose uko ari batatu banganije ibitsindo binjirije imirwi yabo, umwe umwe akaba yinjije ibitsindo 22.
Nibwo bwa mbere iryo higanwa rirangiye hinjijwe ibitsindo bike kuva mu mwaka wa 2009-2010, aho abakinyi Dimitar Berbatov yakinira Manchester United na Carlos Tevez yakinira Manchester City basangira ako gashimwe, umwe umwe yinjije ibitsindo 20.
Mu rukino rw'ejo ku wa Mungu, inyuma yaho umusatirizi Aubameyang wa Arsenal yinjirije ibitsindo bibiri ku kibuga ca Burnley, yavuze ati: "Nsangiye agashimwe na bagenzanje babiri nkunda cane, abakinyi bakomeye kandi bava muri Afrika. Ni vyiza kuko twese duserukira Afrika".
Ku ruhande rwiwe, wari umunezero uvanze n'igitangaro kuri Jurgen Klopp, umumenyereza wa Liverpool, kubona umukinyi Aubameyanga yahoze amenyereza mu murwi Dortmund amukuye mu murwi w'Ubufaransa Saint-Etienne mu 2013, ateye iyo ntambwe.
Yavuze ati: "Na Auba? None bafise ibirato bitatu? Ni vyiza. Bose ni abakinyi banje".
Mw'ihiganwa ry'umwaka uheze wa 2017-2018, Mohamed Salah yari yinjije ibitsindo 38, ibitari bwabeho mw'iryo higanwa rigizwe n'inkino 38 ku murwi umwe umwe.
Abaye umukinyi agira gatandatu aronse ako gashimwe yikurikiranya mu mateka y'iryo higanwa.
Uwaheruka yari umukinyi Harry Kane wa Tottenham aho yaronse ako gashimwe mu mwaka wa 2015-2016 na 2016-2017, uno mwaka ukaba wamubereye uw'ibikondoka, akaba ahejeje ihiganwa afise ibitsindo 17 gusa.