Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwo Eden Hazard azobandanya akinira Chelsea mu mwaka uza?
Mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu gihugu c'Ubwongereza muri uno mwaka, umukinyi Eden Hazard yatsinze igitsindo giharurwa mu bitsindo vya mbere, ni mu gihe nijoro ku wa mbere Chelsea yirahiye umurwi wa West Ham, ibitsindo bibiri ku busa.
Iyo ntsinzi yatumye Chelsea iduga mu kibanza ca gatatu, imbere ya Arsenal yo yatakaje amanota mu rukino rwo kuwa Mungu itsinzwe na Everton ubu ikaba iri mu kibanza ca gatanu, hamwe na Tottenham yaciye ija mu kibanza ca kane.
Igihe atsinda igitsindo ca mbere ku munota wa 23 Hazard, umukinyi yarondewe n'umurwi wa Real Madrid wo mu gihugu ca Espanye mu ci riheze, yahawe umupira ari mu gice ca West Ham hafi y'umurongo ugabura ikibuga.
Yatwaye umupira ku muvuduko udasanzwe, acenga abakinyi batanu bose bananiwe n'ukumuzibira, atera umupira mw'igori ryari ririnzwe n'umunyegori wa West Ham, Lukasz Fabianski yagiye guhindukira asanga washitse mu rusenga rw'igori.
Yagiye gutsinda ica kabiri mu mpera z'urukino rwaboneka ko uwo murwi wa Chelsea wari wifatiye mu minwe.
Ivyo uyo Mubirigi yakoze muri urwo rukino vyarerekanye ko Hazard, afise imyaka 28 y'amavuko, ari umukinyi w'imbere rurangiranwa ku mugabane w'Ubulayi.
Yabaye umukinyi w'uyo munsi. Kuva urukino rutanguye gushika ruhere, Hazard yagumye yerekana umukino ukomeye.
Inyuma y'urwo rukino, amakuru yasubiye gukwiragira ko ashobora kwimukira mu gihugu ca Espanye aguzwe na Real Madrid.
Amasezerano ya Hazard n'umurwi Chelsea, azorangira mu ci ryo mu mwaka wa 2020, abakunzi b'uwo murwi bakizera ko Chelsea itazohava ikunda amahera, inyuma y'uko umumenyereza wa Real Madrid, Zinedine Zidane, amenyesheje ko "yamye akunda uyo mukinyi.
Uwo murwi wa Chelsea usanzwe uri mu bihano wahawe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, vy'ukudasubira kugura abakinyi gushika mu mpera z'ukwezi kwa mbere mu mwaka wa 2020.
Mu gihe wogurisha uyo mukinyi urashobora gusanga wishize mu ngorane kuko utoronka uwumusubirira, n'aho uriko usaba ko wokurwako ivyo bihano.
Ariko umumenyereza wa Chelsea, Maurizio Sarri, avuga ko uwo murwi "uzotegerezwa kwubahiriza ingingo ya Hazard" mu gihe yoshaka kugenda.
Iyo ntsinzi ya nijoro ku wa mbere yatumye icizere ca Chelsea c'ukuba mu mirwi ine ya mbere ciyongera mu gihe yobandanya uko, n'aho ifise izindi nkino izokinira hanze, aho izohura na Liverpool hamwe na Manchester United ku bibuga vyayo.